Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Korinto 7:34 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

34 Kandi harih’ itandukaniro ku mugore n’inkumi. Ūtābiriwe yitwaririka ivy’ Umwami wacu, kugira ngw abe uwera ku mubiri no mu mutima: arik’ uwābiriwe yitwaririka ivy’ isi, uko yonezereza umugabo.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

34 Imyitwarariko yiwe igabuwemwo kubiri. Umugore canke inkumi itarongowe yitwararika ibikorwa vy’Umwami. Yihebera Umwami mu mubiri no mu mpwemu. Ariko uwarongowe yitwararika ivy’ino si, arondera ingene yonezereza umugabo wiwe.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Korinto 7:34
16 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Arahunga, kukw ar’ umucangero, atababaye intama.


Kandi ntimugahe icaha imibiri yanyu ngw ikoreshwe n’ukugabitanya; ariko mwishikanire Imana nk’abazuke bavuye mu bapfuye, n’imibiri yanyu muyihe Imana kugira ngw ikoreshwe no kugororoka.


kuko mwaguzwe igiciro. Nuko rero, mushimishe Imana mu mibiri yanyu.


arik’ ūmufise yitwaririka ivy’ isi, uko yonezereza umugore.


Ivyo mbivugiye kubafasha, s’ukubashira mu mpururu, ariko n’ukubiroranya, no kugira ngo mukorere Umwami wacu, mudafise imitima ibiri.


Kandi ntarinze kuvuga ibindi, har’ ikinzako uko bukeye, n’umwitwaririko w’amashengero yose.


Arikw Imana ishimwe, ishize mu mutima wa Tito kubagirira umwete nk’uwo mbagirira.


nk’uko niteze cane nkizigira yuko hatazogira ikintu kimmāramāza, ariko ko mu bushizi bg’amanga bganje bgose Kristo aheshwe icubahiro n’umubiri wanje, nk’uko bihora biba, na none kw ari ko bizoba, naho noba ndiho canke naho noba mpfuye.


Kand’ Imana Nyen’ amahoro ibe ari yo ibeza rwose: kand’ impwemu yanyu n’ubugingo n’umubiri vyose hamwe bizigamwe, ngo bize bisangwe bitagira umugayo, ah’ Umwami wacu Yesu Kristo azozira.


(Ūtazi kuganza abo mu rugo rwiwe yoshobora ate kuzigama ishengero ry’Imana?)


Umupfakazi w’inyakamwe asigaye ar’ umwe, yizigira Imana, agashishikara kwinginga no gusenga ku murango no mw ijoro.


Iryo jambo n’iryo kwizerwa, ndagomba yuk’ utsindagira ivyo, ubikobereje, kugira ngw abizeye Imana bagire umwete wo kugumya gukora ibikorwa vyiza. Ivyo ni vyiza, bigira ico bimarira abantu.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ