Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Korinto 7:2 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

2 Ariko kubgo kwirinda gushakana, umugabo wese agire uwiwe mugore, n’umugore wese agire uwiwe mugabo.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

2 Ariko kubera ubusambanyi buhari, umugabo wese akwiye kugira umugore wiwe, kandi umugore wese akwiye kugira umugabo wiwe.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Korinto 7:2
14 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ūronse umugore aba aronse ikintu ciza, Kand’ aba aronse ingabire k’ Uhoraho.


Urugo bo n’itunga umuntu abiragwa n’abavyeyi, Arik’ umugore aciye ubgenge amuhabga n’Uhoraho.


Yamara muravuga, muti Ni ku ki? Ni kuk’ Uhoraho yabaye icabona canyu, mwe n’umugore wawe wo mu bucance, uwo waryarutse, nah’ ar’ umugenzi wawe, akaba n’umugore w’isezerano.


Ariko jeho ndababgira yuk’ umuntu wese yirukana umugore wiwe atamuhōye ubusambanyi, aba amusambanishije: kand’ uwābīra uwahukanye azoba asambanye.


Muhunge ubushakanyi. Icaha cose umuntu akora s’ic’ umubiri, arik’ ūshakana aba acumuye ku mubiri wiwe.


Ariko ku vyo mwanyandikiye, iciza n’ukw izinamuhungu atohūye n’icitwa umukobga.


Umugabo ahe umugore wiwe ivy’ akwiye, kand’ umugore na we abigenze artyo ku mugabo wiwe.


Ariko namba badashobora kwirinda bābīrane: kuko kwābīrana ari kwiza, kuruta gushuha.


Ni kw abagabo na bo bakwiye gukunda abagore babo nk’imibiri yabo bgite. Ūkunda umugore wiwe, aba yīkunda:


Ariko namwe nyene, umuntu wese akunde umugore wiwe nk’uko yīkunda; umugore na we ni yubahe umugabo wiwe.


kugira ng’ umuntu wese muri mwebge amenye kuganziriza uwiwe mubiri mu kwezwa no mu kuwubaha,


baziza kwābīrana, baziza n’ivyo kurya, kand’ ari vyo Imana yaremye kugira ngw abizera, bakamenya ivy’ ukuri, babirye bashima.


Maze ba se canke basāza babo ni baza kutwitwarako, tuzobabgira, tuti Ni mubaduhe ku neza, kukw abagore twābasahuriye muri ya ntambara batābakwiye. Tuti Kandi kw atari mwebge mwababīhēreye, nta co muriko.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ