Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Korinto 6:9 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

9 Ntimuzi yukw abagabitanya batazoragwa ubgami bg’Imana? Ntimuzimire: abashakanyi, cank’ abasenga ibigirwamana, cank’ abasambanyi, cank’ abagabo bendwa, cank’ abagabo bendana,

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

9 Mbega ntimuzi ko inkozi z’ibibi zitazoragwa Ubwami bw’Imana? Ntimukibeshe: abihumanisha ibijanye n’ubusambanyi, abasenga ibigirwamana, abasambanyi, abagabo bihindura abagore mu bumaraya, abahuza ibitsina basangiye,

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Korinto 6:9
51 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Umugabo yenze uwundi mugabo bga mugore, bompi bazoba bakoze ikizira: ntibaze babure kwicwa: amaraso yabo ni bo azokora.


Ntihaze hagire umugabo yenda uwundi mugabo bga mugore: n’ikizira.


cank’ ibisuma, cank’ abifuza, cank’ imborerwa, cank’ abatukana, cank’ abanyazi, ntibazoragwa ubgami bg’Imana.


Inyuma hazoba imbga n’abarozi n’abashakanyi n’abicanyi n’abasenga ibigirwamana, n’umuntu wese akunda kubesha akabikora.


Arikw ibijora, n’abatizera, n’abakora ibizira, n’abicanyi, n’abashakanyi, n’abarozi, n’abasenga ibigirwamana, n’abanyabinyoma bose, umugabane wabo uzoba mu kiyaga caka umuriro n’amazuku, ni co rupfu rwa kabiri.


Ntimuzi yukw imibiri yanyu ar’ insengero za Mpwemu Yera ari muri mwebge, uwo mufise, avuye ku Mana? Kandi si mwe mwiganza,


Ariko sinavuga abasambanyi bo mu b’iyi si, cank’ abifuza, cank’ abanyazi, cank’ abasenga ibigirwamana, kukw iyo biba birtyo mwari mukwiye kuva mw isi.


Umubano w’abābīranye ni wubahwe na bose, kand’ uburiri bgabo bgoye guhumanywa: kukw abashakanyi n’abasambanyi Imana izobacirakw iteka.


Ntihaze hagire izinamukobga yambarana impuzu n’izinamuhungu, canke ngo hagire izinamuhungu yambarana n’izinamukobga: kuk’ ūkoze ivyo wese aba abaye ikizira k’Uhoraho Imana yanyu.


Uburake bg’Imana bgarahishuwe, buvuye mw ijuru, ubgo irakira ukutayubaha kw’abantu kwose n’ukugabitanya, banyikirisha ukuri ukugabitanya kwabo.


Mukurikire kugiriranira amahoro n’abantu bose, n’ukwezwa, kuk’ ūtejejwe atazorāba Umwami;


Ariko bene Data, ico mvuga n’iki, yukw ab’inyama n’amaraso badashobora kuragwa ubgami bg’Imana, kand’ ibibora bitaragwa ibitabora.


Ntimuzimire: kubana n’ababi kwonona ingeso nziza.


Mbega ntimuzi yuko mur’ urusengero rw’Imana, kandi ko Mpwemu w’Imana aba muri mwebge?


ntihabeh’ umushakanyi, cank’ igihumane nka Esau, yagurānye ivyo kuba samuragwa kwiwe ingaburo imwe.


Maz’ Umwami azobgira abar’ i buryo bgiwe, ati Ni muze, abo Data yahezagiye, muragwe ubgami mwateguriwe, uhereye ku kuremwa kw’isi.


umunyavyaha n’areke inzira yiwe, ūgabitanya areke ivyiyumviro vyiwe: agaruke k’Uhoraho, na we aramugirira ikigongwe, agaruke ku Mana yacu, kukw ikunda guharira.


Inkuru yāmamaye hose yuko muri mwebge harih’ ubusambanyi: kand’ ubgo busambanyi butoba no mu banyamahanga, umuntu gucīkiza muka se ngw amwābīre.


Bakiriko barījandajandira, haza abanyagisagara b’abanyangeso mbi, bakikiza iyo nzu impande zose, bakubitagura ku rugi, babarira uwo mutāma nyen’ urugo, bati Sohora uwo mugabo yinjiye i wawe, tumwonone.


Ntihaze habemwo ba maraya mu Bisirayelikazi, canke ngo hagire abagabo bendana mu Bisirayeli.


Bahamagara Loti, baramubaza, bat’ Abagabo binjiye i wawe mur’ iri joro bari hehe? basohore, tubonone.


Ūbivye ukugabitanya yimbura ivyago, Kand’ inkoni y’uburake bgiwe izovunika.


Ntimuzi yuko mu birori abasiganwa biruka bose, arik’ ūhērwa akaba umwe? Namwe abe ari ko mwiruka, kugira ngo muronke impēra.


Umuntu wese yasize urugo canke bene nyina canke bashiki be canke se canke nyina cank’ abana cank’ itongo kubg’ izina ryanje, azobishumbushwa umurengera, kand’ azoragwa ubugingo budashira.


Arambarira, at’ Uwo n’umuvumo urekuwe ng’ ukwire isi yose: igihe uwiba wese yīrāye kirahāgije, kandi n’igihe ūrahira wese yīrāye kirahāgije.


Umunzane ubesha n’igisesema k’Uhoraho, Arikw ikilo c’ukuri kiramuhimbara.


Ntimuze mucishe urubanza aho rutari; ntimuze muce urwa nkunzi mubitewe no kugirira impuhwe umworo, canke no gutinya ūhambaye; ariko muze mucire bagenzi banyu imanza ziroranye.


Ntimuze mwāmāmaze inkuru z’ibinyoma; ntihaze hagire uwifatanya n’ikigāba kuba icabona c’ibinyoma.


Akirikw aravuga ivy’ ukugororoka n’ivy’ ukwirinda n’ivy’ amateka azocibga, Feliki aranduka umutima, aramubarira, at’ Ubu ni wīgīre, ni naronka uburyo bgiza nzogutumako.


Ntihaze hagire ūsambana na muka mugenzi we, ngo yiyanduze kubgiwe.


Umuntu ni yafatwa aryamanye n’umugore w’uwundi, baze babice bompi: abo ukw ari babiri, uwo mugabo yaryamanye n’ uwo mugore, na nya mugore nyene, bapfe; ukw az’ abe ari ko mukūra ikibi muri mwebge Abisirayeli.


Inzu yiwe n’inzira ija i kuzimu, Imanuka irora i wabo w’urupfu.


ntagire ico akora co mu vyari bikwiye, arikw akarīra mu bitabo ku misozi, akonona umugore wa mugenzi we,


Arababarira ati Mwirinde ntimuzimizwe: kuko benshi bazoza mw izina ryanje, bati Ndi we; kandi bat’ Igihe kiri hafi: ntimuze mubakurikire.


Kandi none mbaragije Imana n’ijambo ry’ubuntu bgayo, rishobora kububaka no kubahēra ibiragwa hamwe n’abejejwe bose.


Ariko burya nabandikiye ko mutivanga n’uwitwa mwene Data, namb’ ar’ umusambanyi, cank’ uwifuza, cank’ ūsenga ibigirwamana, cank’ ūtukana, cank’ ūborerwa, cank’ umunyazi: ūmeze artyo, no gusangira ntimugasangire na we.


Muhunge ubushakanyi. Icaha cose umuntu akora s’ic’ umubiri, arik’ ūshakana aba acumuye ku mubiri wiwe.


kandi yuko, aho nzozira, Imana yanje izosubira kuncisha bugufi muri mwebge, nanje nkazoririra benshi bācumuye kera, ntibihane ivyonona, n’ubushakanyi, n’ivy’ isoni nke bākoze.


Ntimuzimire: Imana yo nticokorwa; kukw ic’ umuntu abiba cose ari co azokwimbura.


Nuko mwice ingingo zanyu ziri mw isi, ubushakanyi, ibihumanya, ukwifuza kw’umubiri, ukwifuza kubi kwose, no kwifuza ivy’ abandi, ni kwo gusenga ibigirwamana;


Bana bato, ntihakagire ūbazimiza: ūkora ibigororotse ni we agororoka, nk’uk’ uwo agororoka.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ