Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Korinto 6:3 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

3 Ntimuzi yuko tuzocira abamarayika urubanza? None ntiturushiriza kuba abo guca imanza z’ivy’ ubu bugingo?

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

3 Mbega ntimuzi ko muzocira imanza n’abamarayika? Nuko rero murashoboye gutatura amatati asanzwe yo muri buno buzima.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Korinto 6:3
14 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Uhoraho, uwukize abantu, uwukirishije ukuboko kwawe; Ni bo bantu b’isi, umugabane wabo uri mur’ ubu bugingo. Inda zabo ziragahāga ivyo wababīkiye, Abana babo barakabihāga, Barakabisigariza n’ibibondo vyabo!


gushitsa Uwa mbere na mbere aje, atsindishiriza abera b’Īsumba vyose; nukw igihe kirashika, abera begukira ubgami.


Maz’ azobgira n’abar’ i bumoso, ati Mva i ruhande, mwa bivume mwe, muje mu muriro utazima wateguriwe wa Murwanizi n’abamarayika biwe.


Ariko mwirinde, kugira ngw imitima yanyu ntīremērwe no kudandahirwa no kuborerwa n’umwitwaririko w’ivy’ ubu bugingo, ng’uwo musi ntubazeko giturumbuka, nk’umutego:


Izaguye mu mahwa n’abaryumvise, maze bariko barīgīra umwitwaririko wo mur’ ubu bugingo, bo n’ubutunzi n’ibihimbaro vyo muri bgo, bikabanyoha, ntibame imbuto nziza.


Ntimuzi yuko shobuja mwihaye kuba abagurano bo kumwumvira, mur’ abagurano b’uwo mwumvira uwo? Namba mur’ abagurano b’icaha kizana urupfu, cank’ abo kwumvira Imana kuzana ukugororoka.


Ntimuzi yukw imibiri yanyu ar’ ingingo za Kristo? None ntore ingingo za Kristo, ndazihindure ingingo z’umusambanyikazi? Biragahera.


Ntimuzi yuk’ uwimatanya n’umusambanyikazi aba ar’ umubiri umwe na we? Kuko yavuze, iti Bompi bazoba umubiri umwe.


Ntimuzi yukw imibiri yanyu ar’ insengero za Mpwemu Yera ari muri mwebge, uwo mufise, avuye ku Mana? Kandi si mwe mwiganza,


Nuko, iyo mufise imanza zo gucibga z’ivy’ ubu bugingo, mbega mushirah’ abatagira ico bamariye ishengero ngw abe ari bo bazica?


Nta musoda yikwegera mu vy’ubu bugingo, ngw az’ ahimbare uwamwandikiye ubusoda.


Dema yarantaye, kukw akunze iyi si ya none, yīgīra i Tesalonike: Keresikenti yagiye i Galatiya: Tito yagiye i Dalumatiya.


Kuko, kw Imana itāgiriye ikigongwe abamarayika bākoze ivyaha, arikw ikabakororera i kuzimu, ikabashira mu vyobo vy’umwiza, ngo barindirwe kuzocirwakw iteka;


N’abamarayika batāgumye mu bukuru bgabo, ariko bātaye ahantu habo, ibarindira kuzocirwakw iteka ryo ku musi uhambaye, bari mu minyororo idashira no mu mwiza.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ