Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Korinto 6:2 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

2 Ntimuzi yukw abera ari bo bazocira ab’ isi urubanza? Kandi kw ari mwebge muzocira ab’ isi urubanza, none ntimubereye guca imanza nto‐nto?

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

2 Mbega ntimuzi ko abizera ari bo bazocira imanza isi? None nimba muzocira imanza isi, mwonanirwa no gutatura amatati asanzwe?

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Korinto 6:2
18 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Bacūrirwa i kuzimu nk’umukuku w’intama, Rupfu azobaragira: Abatunganye bukeye bazobaganza; Ubgiza bgabo i kuzimu hazobuhabga ngo habumare, ntibugire aho kuba.


Arikw abera b’Īsumba vyose bazohabga ubgo bgami, kand’ ubgo bgami bazobgegukira buhore ar’ ubgabo gushitsa ibihe bitazoshira.


gushitsa Uwa mbere na mbere aje, atsindishiriza abera b’Īsumba vyose; nukw igihe kirashika, abera begukira ubgami.


Muzohunga muce mu ruhomoka rwo mu misozi yanje; kuk’ uruhomoka rwo mur’ iyo misozi ruzoshika no kuri Azeli: mbere muzohunga nk’uko mwāhunze hamwe isi yatigita ku ngoma ya Uziya umwami w’i Buyuda; maz’ Uhoraho Imana yanje azoza azananye n’abera bose.


Yesu arababgira, ati Ndababgira ukuri yuko mwebge abankurikiye, ah’ Umwana w’umuntu azovyagirira ku ntebe y’ubgiza bgiwe, igihe co kuvyarwa ukundi gusha, namwe muzokwicara ku ntebe cumi na zibiri, mucire imanza imiryango cumi n’ibiri y’Abisirayeli.


ngo muze murīre, munywere ku meza yanje mu bgami bganje: kandi muzokwicara ku ntebe z’icubahiro, mucire imanza imiryango y’Abisirayeli, ukw ar’icumi n’ibiri.


Ntimuzi yuko shobuja mwihaye kuba abagurano bo kumwumvira, mur’ abagurano b’uwo mwumvira uwo? Namba mur’ abagurano b’icaha kizana urupfu, cank’ abo kwumvira Imana kuzana ukugororoka.


Umunyabgenge ari hehe? Umwanditsi ari hehe? Umunyabihāri wo mur’ iki gihe ari hehe? Mbeg’ Imana ntiyahinduye ubupfu ubgenge bg’iyi si?


Kuko nah’ ubgenge bg’Imana bgageze yukw ab’ isi batazohabga n’ubgenge bg’isi kumenya Imana, Imana yahimbawe gukirisha abayizera ubupfu bg’ivyigishwa.


Nuko, iyo mufise imanza zo gucibga z’ivy’ ubu bugingo, mbega mushirah’ abatagira ico bamariye ishengero ngw abe ari bo bazica?


Natwe ntiturāba ku biboneka, ariko turāba ku bitaboneka: kukw ibiboneka ar’ ivy’ igihe gito, arikw ibitaboneka bikaba ivy’ ibihe bidashira.


kugira ngw aremeshe imitima yanyu, ntigire umugayo, ibe iyera imbere y’Imana yacu ni yo Data wa twese, iz’ isangwe irtyo ah’ Umwami wacu Yesu azozananira n’abera biwe bose.


Mbona intebe z’ubgami, mbona abicara kuri zo, bahabga ubucamanza. Kandi mbona ubugingo bg’abaciwe amazosi, babahōra gushingira intahe Yesu, n’ijambo ry’Imana, ni bo batāsenze ca gikōko cank’ igishushanyo caco, kandi ntibemeye gushirwa ikimenyetso caco mu ruhanga canke ku kiganza. Baba bazima, bafatanya na Kristo kuganza imyaka igihumbi.


Ūnesha, nzomuha kwicarana nanje ku ntebe yanje y’ubgami, nk’uko nanje nanesheje nkicarana na Data ku ntebe yiwe.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ