Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Korinto 5:8 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

8 Nuko tuziririze imisi mikuru, tudafise umwambiro wa kera, cank’ umwambiro w’urwanko n’ikibi, ariko tugire imitsima itambiwe y’imitima ikeye n’ukuri.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

8 Ni co gituma dukwiye guhimbaza uwo musi mukuru tudakoresheje imikate irimwo umwambiro wa kera, ari wo mwambiro w’ubugunge n’ubukozi bw’ikibi, ariko dukoresheje imikate itarimwo umwambiro, ari yo mikate itagira uburyarya kandi irimwo ukuri.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Korinto 5:8
34 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Hahirwa umuntu Uhoraho adaharūrak’ ukugabitanya, Umutima wiwe ntubemw’ ubugunge.


Ibi ndavyibuka, umutima ukantunturira mu nda, Ingene najana n’ishengero, mbajana mu ngoro y’Imana, Tugendana ijwi ry’akanyamuneza n’ishimwe, tur’ ikoraniro rigize umusi mukuru.


Muze mumare imisi ndwi murya imitsima itambiwe; ku musi w’intangamarāra muze mukūre umwambiro n’icambiwe cose mu mazu yanyu; kuk’ umuntu azorya ku mutsima wambiwe, uhereye ku musi w’ intangamarāra ugashitsa ku musi ugira indwi, uwo muntu az’ acibge mu Bisirayeli.


Mur’ iyo misi ukw ar’ indwi ntihaze haboneke umwambiro mu mazu yanyu: umuntu azorya icambiwe, aracibga mw ikoraniro ry’Abisirayeli, naho yoba umunyamahanga cank’ uw’ imvukira yo mu gihugu canyu.


Barye inyama zawo mur’ iryo joro nyene, zitaze, bazikoze imitsima itambiwe n’imboga zirura.


Muze mumare imisi ndwi murya imitsima itambiwe, maz’ umusi ugira indwi uz’ ube umusi mukuru w’Uhoraho.


Imitsima itambiwe iz’ ibe ari yo iribga mur’ iyo misi ukw ar’ indwi. Ntihaze hagire imitsima yambiwe ibabonekamwo, cank’ umwambiro, mu gihugu canyu cose.


Kandi kur’ uyu musozi Uhoraho Nyen’ ingabo azohategurira amahanga yose amazimano y’inyama zinuze, amazimano ya vino y’umukāka, inyama zinuze zuzuye imisokōro, na vino y’umukāka imiminnye neza.


Nuko muzogira indirimbo nk’iyo baririmba mw ijoro ku musi mukuru wera; muzogira n’umunezero wo mu mutima nk’uw’ umuntu afise umwironge aja ku musozi w’ Uhoraho, ngw ashikīre Igitandara c’Abisirayeli.


Ku musi w’icumi na gatanu w’ukwo kwezi nyene, ni ho hazoba umusi mukuru wo kunyubaha w’imitsima itambiwe: muze mumare imisi ndwi ari yo murya.


Buno batahura kw atababgiye kwirinda umwambiro w’umutsima butsima, ariko kw ar’ inyigisho z’Abafarisayo n’Abasadukayo.


Yesu arababgira, ati Mumenye, mwirinde umwambiro w’Abafarisayo n’Abasadukayo.


Arabihanikiriza, ati Mumenye, mwirinde umwambiro w’Abafarisayo n’umwambiro wa Herode.


Mur’ ico gihe, ishengero ry’abantu ibihumbi vyinshi rikoranira kuri we, bakandagirana, ahēra ku bigishwa biwe, arababarira, ati Mwirinde umwambiro w’Abafarisayo, ni wo buryarya.


Yesu abona Natanayeli aza kuri we, amuvugako, at’ Ehe Umwisirayeli vy’ukuri, atarimw’ ubugunge.


kuko mukiganzwa n’ivy’ akameremere kanyu. Ko muri mwebge har’ ishari n’ugutongana, ntimuganzwa na vyo? Ntimugenda nk’abantu?


Inkuru yāmamaye hose yuko muri mwebge harih’ ubusambanyi: kand’ ubgo busambanyi butoba no mu banyamahanga, umuntu gucīkiza muka se ngw amwābīre.


Kwirata kwanyu si kwiza. Ntimuzi yuk’ umwambiro muke wambira irobe ryose?


Kuk’ ukwirata kwacu ar’ uku, kand’ ijwi ryo mu mitima yacu rirabishingira intahe: ingeso twagirira mw isi, kandi cane‐cane muri mwebge, zar’ ukwera, n’imitima itagira ubugunge iva ku Mana, atari mu bgenge bg’abantu, ariko mu buntu bg’Imana.


Kuko tutari nka bamwe benshi, bacurūrīsha ijambo ry’Imana, ariko tuvuga nk’abatagira ubugunge, bavuga ibiva ku Mana, ni ko tuvuga muri Kristo, imbere y’Imana.


Simbivugiye kubagera, ariko mbivugiye kugeza urukundo rwanyu kw ar’urw’ ukuri, ndarugeragereshe umwete w’abandi.


Ubuntu bg’Imana bubane n’abakunda Umwami wacu Yesu Kristo bose ata bupfunya.


Haze harenguke izinamuhungu wese imbere y’Uhoraho Imana yanyu gatatu‐gatatu mu mwaka, barenguke ha hantu azoba yātoranije. Baze mu misi mikuru y’imitsima itambiwe, no ku musi ukurikira ya masabato ndwi, no mu misi mikuru y’insāgo; ariko ntibaze barenguke imbere y’ Uhoraho iminwe misa.


Ntimuze mugire imitsima yambiwe mubikoza; muze mumare imisi ndwi murya imitsima itambiwe yavyo, ari yo mitsima y’ amagorwa, kuko mwavuye mu gihugu ca Egiputa ikibiriraho; kugira ngw imisi yose muzoba mukiriho, muze mwame mwibuka wa musi mwaviriye mu gihugu ca Egiputa.


None rero ni mwubahe Uhoraho, mumusabe mu vy’ukuri ata buryarya; mukūreho za mana ba sogokuruza bāsaba hakurya ya rwa ruzi no muri Egiputa, Uhoraho abe ari we musaba.


kugira ngw amare imisi isigaye akiri mu mubiri atagikorera ivyifuzo vy’abantu, arikw akora ivy’ Imana igomba.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ