Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Korinto 5:7 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

7 Nuko ni mukūreh’ umwambiro wa kera, kugira ngo mube irobe risha, nk’uko mutarimw’ umwambiro. Kuk’ umwagazi w’intama wa Pasika wacu watanzwe kw ikimazi, ari we Kristo.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

7 Nimukure rero muri mwebwe umwambiro wa kera, kugira ngo mube igikandu kitagira umwambiro. Mu vy’ukuri ni co muri, kuko Kristo, umwagazi w’intama wa Pasika, yatanzwe nk’ikimazi ku bwacu.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Korinto 5:7
19 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Muze mumare imisi ndwi murya imitsima itambiwe; ku musi w’intangamarāra muze mukūre umwambiro n’icambiwe cose mu mazu yanyu; kuk’ umuntu azorya ku mutsima wambiwe, uhereye ku musi w’ intangamarāra ugashitsa ku musi ugira indwi, uwo muntu az’ acibge mu Bisirayeli.


Abacira uwundi mugani, at’ Ubgami bgo mw ijuru busa n’umwambiro, umugore yābiriye akawuvanga n’ingero zitatu z’ifu, gushitsa ah’ iribututumbire yose.


Ku musi w’intangamarāra wo kurya imitsima itambiwe, uwo bābāgak’ umwagazi w’intama wa Pasika, abigishwa biwe baramubaza, bat’ Ugomba ko twoja hehe gutegura ivya Pasika ng’ ubirye?


Bukeye bg’aho abona Yesu aza kuri we, aravuga, ati Nguyu Umwagazi w’intama w’Imana ukūrah’ icaha c’abari mw isi.


yitegereza Yesu agendagenda, aravuga, ati Nguyu Umwagazi w’intama w’Imana.


War’ umusi wo kwitegurira Pasika, hari nk’isaha zitandatu. Abgira Abayuda, at’ Ehe rāba umwami wanyu.


uwo Imana yashizeho kuba impongano y’uwizera, ayigirwa n’amaraso yiwe, kugira ngw Imana yerekane ukugororoka kwayo, kuko yirengagije ivyaha vyakozwe kera kubg’ imbabazi zayo;


Nk’uk’ uwo mutsima ar’ umwe, twebge, naho turi benshi, tur’ umubiri umwe: kuko twese dusangira umutsima umwe.


Arikw abo hanze Imana ni yo izobacira urubanza. Ni mukūre umunyakibi muri mwebge.


kubabgira ku vy’ingeso zanyu za kera ngo mwiyambure wa muntu wa kera, abozwa n’ukwifuza kw’uruhendo;


Bavuga n’ijwi rirenga, bat’ Umwagazi yishwe abereye guhabga ububasha n’ubutunzi n’ubgenge n’ubushobozi n’icubahiro no guhimbazwa n’umugisha.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ