Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Korinto 5:3 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

3 Kubganje naho ntariho ku mubiri, ariko ndiho mu mpwemu, nahejeje gutsindisha uwakoze ibimeze birtyo nk’aho ndiho,

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

3 N’aho ntari kumwe namwe mu buryo bw’umubiri, ndi kumwe namwe mu buryo bw’impwemu. Uwo muntu yakoze ivyo naramaze kumucira urubanza nk’aho noba ndi kumwe namwe.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Korinto 5:3
6 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Mpūriye hehe no gucira urubanza abo hanze? Mbega si mwebge mucira urubanza abo muri mwebge?


Jewe Paulo ubganje ndabinginga kubg’ ubugwaneza n’ineza vya Kristo, jewe umuntu aciye bugufi muri mwebge imbere yanyu, arikw iyo tutari kumwe ndabubahuka;


Ūvuga ibisa birtyo ni yibgire n’ibi, yuk’ uko tumeze ku majambo yo mu vyete atari ho turi, ari ko tumeze no ku vyo dukora ari ho turi.


Nabivuze nkiri kumwe namwe ubugira kabiri kera, na none ntar’ iyo ni ko mbivuga bitaraba, mbarira abācumuye kera n’abandi bose, yuko ni nagaruka ntazogira akagongwe:


Kuko naho ntari kumwe namwe ku mubiri, ndi kumwe namwe ku mutima, nnezerewe kandi mbona ugushira hamwe kwanyu kwiza, n’ugushikama mu kwizera Kristo kwanyu.


Ariko twebge, bene Data, hamwe twatandukanywa namwe igihe gito ubg’ amaso, ariko si mu mutima, twarushirije kugira umwete wo kubonana namwe imbonankubone, tubafitiye inkumbu nyinshi:


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ