Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Korinto 5:2 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

2 Namwe mukīkakīsha, ntimubabare, nk’uko mwari mukwiye, kugira ng’uwakoze ico caha akūrwe muri mwebge.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

2 Kandi ikibabaje, aho gutuntuzwa n’ivyo, maze umuntu yabikoze mukamutaramura muri mwebwe, mubandanya mwishira hejuru.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Korinto 5:2
16 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

ngo Kuko watsinzwe mu mutima wawe, ukicisha bugufi imbere yiwe, igihe wumva ivyo yavuze kur’ aha hantu bo n’abahaba, ingene hazocika imisaka n’ikivume, ukitantamurirakw impuzu zawe, ukaririra imbere yiwe, ngo Na we arakwumvise; ni k’Uhoraho agize.


Amaso yanje asendanisha inzūzi z’amazi, Kuko batitondera ivyagezwe vyawe.


Ariko ni mwanka kuvyumva, umutima wanje uzoririra mu mpisho, urizwe n’ubgibone bganyu; amaso yanje azorira cane, acundugute amosozi, kuk’ umukuku w’intama z’Uhoraho unyazwe.


Nuk’ Uhoraho aramubgira, ati Genda unyuragire hagati mu gisagara, muri Yerusalemu, ushire ikimenyetso mu ruhanga rw’abantu banihishwa n’ ibizira vyose bikorerwa hagati muri co, bikabariza.


mwice mutikize umutāma n’umusore n’ umwigeme n’abana bato n’ abagore: ariko ntihagire umuntu n’umwe mwēgēra mu barikw ico kimenyetso; kandi muhēre ku rusengero rwanje rwera. Baca bahēra kuri ba bakuru bār’ imbere y’ingoro.


Bagize bartya, umwe mu Bisirayeli azana Umumidiyanikazi amushikana mu b’i wabo, amwātātana imbere ya Mose n’imbere y’ ishengero ryose ry’Abisirayeli, aho bāriko bararirira ku muryango w’ihema ry’ibonaniro.


Ariko bamwe bīkakīsha, biyumvira yuko ntazoza i wanyu.


Arikw abo hanze Imana ni yo izobacira urubanza. Ni mukūre umunyakibi muri mwebge.


Kuko binteye akōba yuko, aho nzozira, kumbure nzosanga mumeze uko ntagomba, nanje muzosanga mmeze uko mutagomba; kandi yuko kumbure hazoba imitongano, n’ishari, n’uburake, n’ikēba, n’ukuvuga abandi nabi, n’insaku, n’ukwihimbariza ubusa, n’imivurungano;


kandi yuko, aho nzozira, Imana yanje izosubira kuncisha bugufi muri mwebge, nanje nkazoririra benshi bācumuye kera, ntibihane ivyonona, n’ubushakanyi, n’ivy’ isoni nke bākoze.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ