Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Korinto 5:1 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Inkuru yāmamaye hose yuko muri mwebge harih’ ubusambanyi: kand’ ubgo busambanyi butoba no mu banyamahanga, umuntu gucīkiza muka se ngw amwābīre.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

1 Narumvise ko hari ingeso y’ubusambanyi hagati muri mwebwe, ubusambanyi butaba no mu Banyamahanga: numvise ko hari umugabo yarongoye umugore wa se.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Korinto 5:1
32 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Maze Isirayeli akiri mur’ ico gihugu, Reyubeni aragenda asambana na Biluha incoreke ya se: Isirayeli arabimenya. Nukw abahungu ba Yakobo bari cumi na babiri:


Ivy’ uruvyaro rwa Yakobo n’ibi. Yosefu, amaze imyaka cumi n’ indwi, yaragirana umukuku na bene se; kandi yar’ akir’ umwana kuri bene Biluha na bene Zilupa baka se: kandi yama abarira se inkuru z’ibibi bakora.


Nk’ukw amazi asūriranya, ni ko nawe umeze, nuko ntukibaye akarenzo, Kuko wūriye uburiri bga so, Ukabuhumanya: mbere yūriye aja mu buryamo bganje!


Nuko bashingira Abusalomu ihema hejuru ku ngoro; Abusalomu araheza yinjirana izo ncoreke za se, Abisirayeli bose babona.


Nuk’ umwami Dawidi ashitse i we i Yerusalemu, ajana za ncoreke ziwe yagize abagore ukw ar’ icumi, abo yari yasigaranye urugo; abashira mu nzu, abaha ababarinda; abatungiraho, ariko ntiyasubira kubarārira. Nuko baguma ngaho barindwa, barinda bapfa bameze nk’abapfakazi.


Aba ni bo bākomōtse kuri Reyubeni, imfura ya Isirayeli; ariko naho yar’ imfura, ubukuru bgiwe arabgākwa, kuko yūriye uburiri bga se, akabuhumanya, ubgo bukuru buhabga bene Yosefu, umwana wa Isirayeli nyene; yamara Yosefu ntiyatangurirwako nk’uw’ imfura, iyo bādōnda amazina yabo;


Ewe kuntu ugira amīsīgiranzira kugira ngo bakugomwe! Bitayeko wahavuye wigisha n’abagore b’abanyavyaha ingeso zawe!


Yamara ntiwagendeye mu ngeso zabo gusa, canke ng’ ukurikire ibizira vyabo; ariko wabifashe nk’ivyoroshe, ubarusha kwihumanya mu ngeso zawe zose.


Muri wewe bonona baka se; muri wewe bafata abagore bari mu miziro.


Ntihaze hagire uwambika ubusa muka se; kukw ar’ ubgambure bga se.


Ūryamanye na muka se aba yambitse se ubusa: bompi ntibaze babure kwicwa: amaraso yabo ni bo azokora.


Basiribangira imitwe ya ba nyarucari mu mukungugu wo hasi, bakagoreka inzira z’abicisha bugufi; umwana na se binjirana umwigeme umwe, bagatukisha izina ryanje ryera.


ariko tubandikire ngo bareke ibihumanya vy’ibigirwamana, no gusambana, no kurya ibinizwe, bo n’amaraso.


mureke kurya ivyaterekerejwe ibigirwamana, n’amaraso, n’ibinizwe, mureke no gusambana; ivyo ni mwavyirinda, muzomera neza. Nuko muganūke.


Kuko nabariwe ivyanyu, bene Data, n’abo kwa Kilowe, yuko har’ imitongano muri mwebge.


Ariko burya nabandikiye ko mutivanga n’uwitwa mwene Data, namb’ ar’ umusambanyi, cank’ uwifuza, cank’ ūsenga ibigirwamana, cank’ ūtukana, cank’ ūborerwa, cank’ umunyazi: ūmeze artyo, no gusangira ntimugasangire na we.


Ivyo kurya n’ivy’ inda, n’inda n’iy’ ivyo kurya; yamar’ Imana izobikūraho vyompi. Ariko, imibiri yacu s’iyo gushakana, mugabo n’iy’ Umwami wacu, kand’ Umwami n’uw’ imibiri yacu.


Muhunge ubushakanyi. Icaha cose umuntu akora s’ic’ umubiri, arik’ ūshakana aba acumuye ku mubiri wiwe.


Ntimuzi yukw abagabitanya batazoragwa ubgami bg’Imana? Ntimuzimire: abashakanyi, cank’ abasenga ibigirwamana, cank’ abasambanyi, cank’ abagabo bendwa, cank’ abagabo bendana,


kandi yuko, aho nzozira, Imana yanje izosubira kuncisha bugufi muri mwebge, nanje nkazoririra benshi bācumuye kera, ntibihane ivyonona, n’ubushakanyi, n’ivy’ isoni nke bākoze.


Ariko namba har’ umuntu ateye umubabaro, si jewe awuteye, ariko ni mwebge awuteye mwese — singomba kubababaza cane, ariko bamwe n’agace.


Nuko naho nabandikiye, ivyanyandikishije s’ivy’ uwagize nabi, kandi s’ivy’ uwagiriwe nabi, ariko n’ukugira ng’umwete mutugirira werekanirwe hagati yanyu mu nyonga z’Imana.


Kand’ ibikorwa vy’akameremere kacu biramenyekana, n’ibi: ubushakanyi, ibihumanya, ivy’ isoni nke,


Arik’ ubushakanyi n’ibihumanya vyose cank’ ukwifuza ntimukabishire no mu kanwa, mube nk’uko bibereye abera:


Ntihaze hagire ūcūra muka se, canke ngo yorosore impuzu ya se, ngw amwambike ubusa.


Abalewi bat’ Azoba avumwe, ūryamana na muka se, kukw aba yorosoye impuzu ya se. Abantu bose bitabirize, bati Amen.


Nuko mwice ingingo zanyu ziri mw isi, ubushakanyi, ibihumanya, ukwifuza kw’umubiri, ukwifuza kubi kwose, no kwifuza ivy’ abandi, ni kwo gusenga ibigirwamana;


Kukw Imana itāduhamagariye guhumana, ariko yaduhamagariye kwezwa.


Kandi namuhaye uburyo bgo kwihana, ntiyakunda kwihana ngw areke ubushakanyi bgiwe.


Arikw ibijora, n’abatizera, n’abakora ibizira, n’abicanyi, n’abashakanyi, n’abarozi, n’abasenga ibigirwamana, n’abanyabinyoma bose, umugabane wabo uzoba mu kiyaga caka umuriro n’amazuku, ni co rupfu rwa kabiri.


Eka bana banje, ivyo numva bavuga kuri mwebge si vyiza, kandi muracumuza abantu b’Uhoraho.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ