1 Korinto 4:7 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)7 Ni nde aguteye kwitandukanya n’abandi? Kand’ ic’ ufise utāhawe n’igiki? Ariko namba waragihawe, n’iki gituma wirata, nk’ūtāgihawe? အခန်းကိုကြည့်ပါ။Bibiliya mu Kirundi coroshe7 Mbega ni nde yababwiye ko muruta abandi? Hari ico mufise mutahawe? None nimba mwaragihawe, ni kuki mwishira hejuru nk’aho mutagihawe? အခန်းကိုကြည့်ပါ။ |
ariko winantaje ku Mwami Nyen’ ijuru, uzanirwa ibintu vyo mu ngoro yiwe, kugira ngo wewe n’abaganwa bawe n’ abamikazi bawe n’incoreke zawe z’intoni mubinyweremw’ ibiturire; maz’ uhimbaza imana z’ ifeza n’iz’ izahabu n’iz’ imiringa n’iz’ ivyuma n’iz’ ibiti n’iz’ amabuye, zidashobora kubona canke kwumva canke kumenya; arikw Imana Rurema ifise impwemu zawe mu kuboko kwayo, ari yo igaba inzira zawe zose, ntiwayihaye icubahiro.