Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Korinto 4:6 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

6 Ariko, bene Data, ivyo mvyigereranijeko, jewe na Apolo, kubganyu, nk’igishushanyo: kugira ngw ivyo mvuze kuri twebge bibigishe kutarenga ivyanditswe; ntihagire umuntu yikakisha arwana ishaka ry’umwe akagaya uwundi.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

6 Bene Data, natanze akarorero kuri jewe no kuri Apolo ku bwanyu, kugira ngo mutwigireko iri jambo rivuga riti: “Ntimukarenge ku vyanditswe;” aho ni ho ata n’umwe muri mwebwe azokwirata kuba umwigishwa w’umwe ngo amurutishe uwundi.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Korinto 4:6
35 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Kukw iyo hagize ūza i wanyu akababarira Yesu wundi, tutābabariye, cank’ iyo mwākiriye iyindi mpwemu mutākiriye, cank’ ubundi butumwa mutemeye, we muramwihanganira neza!


Uhereye kera mwiyumvira yuko tubiregurako. Imbere y’Imana no muri Kristo ni ho tuvugira. Ariko yemwe abo nkunda, vyose tubivugiye kubakomeza.


Kandi nogomvye kwirata sinobaye nd’ igipfu, kuko noba mvuga ukuri. Ariko nsizeho kugira ngo ntihagire ūnyiyumvira ibiruta ivy’ ambonako cank’ ivy’ anyumvako.


Ntihakagire umuntu abagunga impēra yanyu, nk’uko yigombera ubgiwe, ayibagungishije kwicisha bugufi no gusenga abamarayika, aguma mu vyo yabonye gusa, atewe kwihimbariza ubusa n’ubgenge bg’akameremere kiwe,


kuk’ ubutumwa bgacu butābashitseko ar’ amajambo yonyene ariko bgarimwo n’ubushobozi na Mpwemu Yera, no kumara amazinda rwose; namwe murazi ubugene twari tumeze hagati muri mwebge kubganyu.


Ndabgira umuntu wese muri mwebge, mbgirijwe n’ubuntu nahawe, yoye kwifata ukw atari, yamara yiyumvire yitonze nk’ukw Imana yagereye umuntu wese ukwizera.


Mbega murāba ibibonwa n’amaso? Namba har’ umuntu yizigiye kw ar’ uwa Kristo, yibgire n’ibi, yuk’ ukw ar’uwa Kristo, natwe ari ko turi.


Kukw ivyo vyose biba kubganyu, kugira ng’ubuntu bg’Imana bgongeranishwe n’ukugwira kw’ abantu, bugwize ishimwe, ngo ritere Imana icubahiro.


Ku vy’ ivyaterekerejwe ibishushanyo vy’ibigirwamana, turazi yuko twese turi n’ubgenge. Ubgenge burakakīsha, arik’ urukundo rurubaka.


Kwirata kwanyu si kwiza. Ntimuzi yuk’ umwambiro muke wambira irobe ryose?


Kuk’ ubgenge bg’iyi si ar’ ubupfu ku Mana. Kuko handitswe, ngw Itegesha abanyabgenge ubugunge bgabo.


Ni co gituma nihanganira vyose kubg’ abatoranijwe, kugira ngo na bo baronke agakiza kari muri Kristo Yesu, gafatanije n’ubgiza budashira.


Ntitwirata ibirenze urugero, ntitwirata ivy’ abandi bakoze. Ariko twizigiye yuk’ ukwizera kwanyu ni kwakura, tuzoshirwa hejuru kubganyu, ku vyo twagerewe, ngo twāgukirwe,


Kuko tutubahuka kwishira mu gitigiri ca bamwe bishimagiza, canke kwigereranya na bo: arikw abo, ko bīrēhēsha ubgabo kandi bīgereranya ubgabo, nta bgenge bagira.


Urukundo rurihangana, rugira neza, urukundo ntirugira ishari, urukundo ntirwihayagiza, ntirwihimbaza,


Kand’ ivyo vyose mbikora kubg’ ubutumwa bgiza, kugira ngo mfatanye n’abandi muri bgo.


Namwe mukīkakīsha, ntimubabare, nk’uko mwari mukwiye, kugira ng’uwakoze ico caha akūrwe muri mwebge.


Nuko ntihakagire umuntu yirata abantu. Kuko vyose ar’ ivyanyu:


kugira ngo bibe nk’uko handitswe, ng’ Uwirata, yirate Uhoraho.


Kuko handitswe, ngo Nzohonnya ubgenge bg’abanyabgenge, N’ubuhanga bg’abahanga nzobuhindura ubusa.


Ico mvuze n’iki, yuk’ umuntu wese muri mwebge avuga, ati Jeho nd’uwa Paulo; uwundi ati Jeho nd’uwa Apolo; uwundi ati Jeho nd’uwa Kefa; uwundi ati Jeho nd’uwa Kristo.


Ni mureke kwishimira abantu, abari n’impwemu gusa mu mazuru yabo: mbega bamaze iki?


Ntimukishimire abahambaye, Cank’ umwana w’umuntu n’ umwe, ata co yoshobora gukiza.


Umuntu n’iki ah’ umwibuka, Cank’ umwana w’umuntu ah’ umugendera?


Maz’ Umuyuda yitwa Apolo, amamo yiwe ni muri Alekisanderiya, yar’ umuntu w’ubgenge, ashika muri Efeso; yar’ umunyabushobozi mu vyanditswe.


Maze Apolo akir’ i Korinto, Paulo aca mu bihugu vyo haruguru, ashika muri Efeso, asangay’ abigishwa bamwe.


Kuko binteye akōba yuko, aho nzozira, kumbure nzosanga mumeze uko ntagomba, nanje muzosanga mmeze uko mutagomba; kandi yuko kumbure hazoba imitongano, n’ishari, n’uburake, n’ikēba, n’ukuvuga abandi nabi, n’insaku, n’ukwihimbariza ubusa, n’imivurungano;


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ