Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Korinto 4:4 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

4 Kukw ata co niyiziko, ariko si co kintsindishiriza; arik’ ūncira urubanza n’Umwami wacu.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

4 Mu mutima wanje nta jwi rinyagiriza ikibi, ariko ivyo ntibisigura ko nera. Umwami Imana ni we ancira urubanza.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Korinto 4:4
24 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Umuntu vyoshoboka bite kw aba uwera? Cank’ uwavyawe n’umugore, kw aba umugororotsi?


None rer’ umuntu yoshobora ate kuba umugororotsi imbere y’Imana? Cank’ uwavyawe n’umugore yoshobora ate kuba ūtunganye?


Ukugororoka kwanje ndakubangirije, nta ho nzokurekura, Umutima wanje ntuzokwigera unyagiriza no ku vy’umusi n’umwe mu yanje yose.


ati Rāba ndi nta kimazi: nokwishura iki? Nifashe ku munwa.


Naho noba mfise urubanza, akanwa kanje nyene ni ko kontsindisha: Naho noba ntunganye, konyagiriza ubugorame.


Uhoraho, wokwama wibuka ibigabitanyo, Bgirukiro, ni nde yohava akazohagarara adatsinzwe?


Kandi ntushire umusavyi wawe mu rukinja, Kukw ata wo mu bariho azotsindira mu nyonga zawe.


Ni nde ashobora kwimenyakw amafuti? Ntumparūrekw ivyaha vyanyinyegeje.


Ikirenge canje gihagaze aharinganiye; Nzoshemagiriza Uhoraho mu makoraniro.


Ijuru rizoserura ukugororoka kwayo: Kukw Imana ubgayo ari yo mucamanza. Sela.


Inzira yose y’umuntu iba nziza mu maso yiwe ubgiwe, Arik’ Uhoraho agera imitima ku munzane.


Benshi barondera kwitonesha k’ūganza, Arik’ ukuroranirwa kw’umuntu kuva k’Uhoraho.


Amubaza ubugira gatatu, ati Simoni, mwene Yohana, mbeg’ urannogera? Petero arababara, kuko yamubajije ubugira gatatu ngo Mbeg’ urannogera? Aramwishura, ati Mugenzi, weho urazi vyose, urazi ko nkunogera. Yesu aramubgira, at’ Ahura intama zanje.


Paulo ahanga amaso abanyekombe, arababgira, ati Bagabo bene Data, nāmanye umutima utarimw’ ijwi rinyagiriza ikibi na kimwe imbere y’Imana gushitsa kur’ uyu musi.


kukw abumvise ivyagezwe atari bo bagororoka imbere y’Imana, abāvyumviye ni bo bazotsindanishirizwa.


Iyo Aburahamu atsindanishirizwa n’ibikorwa, aba afise ico yihaya. Arikw imbere y’Imana nta co afise.


Ariko kubganje ni nk’ubusa rwose gucirwa urubanza namwe, canke n’urukinja rw’abantu; kandi nanje nyene sinicira urubanza.


Ni co gituma mudakwiye guca urubanza rw’ikintu na kimwe igihe carwo kitarashika, ni co kuza kw’Umwami wacu, azomurika ivyari vyanyegejwe mu mwiza, kand’ azogaragaza inama zo mu mitima: ni ho umuntu wese azohabga n’Imana ishimwe rimukwiye.


Kuk’ ukwirata kwacu ar’ uku, kand’ ijwi ryo mu mitima yacu rirabishingira intahe: ingeso twagirira mw isi, kandi cane‐cane muri mwebge, zar’ ukwera, n’imitima itagira ubugunge iva ku Mana, atari mu bgenge bg’abantu, ariko mu buntu bg’Imana.


Kuko twese tutazobura kugaragarizwa imbere y’intebe y’amateka ya Kristo, kugira ng’umuntu wese ahabge ibihwanye n’ico yakoze akiri mu mubiri, ari ciza ari kibi.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ