Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Korinto 3:9 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

9 Kukw Imana ari yo dukorana, namwe mur’ indimiro y’Imana, mur’ inzu yubakwa n’Imana.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

9 kuko twempi dukorera Imana, namwe muri umurima w’Imana, muri inzu yayo.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Korinto 3:9
41 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ibuye abubatsi bāgaye Ni ryo ryahindutse irigumya imfuruka.


Hazokwera impeke habe agahimbo mu gihugu no ku mpinga z’imisozi; Mw igarura ryavyo bizohungabana nk’ibiti vyo kuri Lebanoni: Abo mu gisagara bazororanirwa batotahare nk’ubgatsi bgo mw isi.


Bgenge yiyubakiye inzu, Yibāziye inkingi ndwi:


Murahiriwe, yemwe ababiba mu biyaya vy’ amazi yose, mukarekura inka n’ indogoba kugenda umwagambo.


Nk’ukw isi ibaduka ibimeze, n’ indimiro imeza ivyayitewemwo, uko ni k’Umwami Uhoraho azomeza ukugororoka n’ishimwe imbere y’amahanga yose.


ngo nshirireh’ abagandaye i Siyoni igitsibo mu gishingo c’umunyota, ndabahe n’amavuta y’akaneza mu gishingo c’ukugandara, n’umwambaro wo guhimbaza mu gishingo c’umutima uhondobereye; kugira ngo baze bitwe ibiti vy’ukugororoka, imyeloni yatewe n’ Uhoraho, ngo bimutere icubahiro.


Abanyamahanga bazohagarara ngaho babaragirire imikuku, kand’ abanyamahanga ni bo bazokora mu mirima yanyu no mu nzabibu zanyu.


Yamara nari naguteye ur’ umuzabibu w’ubgoko, ur’ urugemwe rutōretse rwose: none se wabaye ute ko wampindukiye igiti c’umuzabibu w’ikijakija w’icaduka?


Arabishura, at’ Igitewe cose, Data wo mw ijuru atāteye, kizorandurwa.


Nanje ndakubgira yuk’ uri Petero, kandi kur’ urwo rutare nzorwubakakw ishengero ryanje, kand’ amarembo y’i kuzimu ntazorishobora.


Maz’ abgira abigishwa biwe, at’ Ivyimburwa ni vyinshi, arikw abimbuzi ni bo bake.


Abo bavayo, bigisha hose, Umwami Yesu akorana na bo, ijambo ryiwe arishingishiriza intahe ibimenyetso birikurikira. Amen.]


Uwo ni we buye mwebge abubatsi mwātītūye, kandi ryahindutse irigumya imfuruka.


Mbega ntimuzi yuko mur’ urusengero rw’Imana, kandi ko Mpwemu w’Imana aba muri mwebge?


Ni jewe nateye imbuto, Apolo arazivomera, arikw Imana ni yo yazikujije.


Ntimuzi yukw imibiri yanyu ar’ insengero za Mpwemu Yera ari muri mwebge, uwo mufise, avuye ku Mana? Kandi si mwe mwiganza,


Kandi ko dukorana na yo, turabinginga, ntimuhērwe ubuntu bg’Imana gupfa ubusa:


Kand’ urusengero rw’Imana ruhūza rute n’ibigirwamana? Kuko twebge tur’ urusengero rw’Imana nzima: nk’ukw Imana yavuze, iti Nzogerēra muri bo, nzogendera muri bo, Mbe Imana yabo, na bo babe abantu banje.


Kuko tur’ ibiremwa vyayo, twaremewe muri Kristo Yesu ngo dukore ibikorwa vyiza, ivyo Imana yateguye kera ngo tubigenderemwo.


mushinze imizi muri we, mwubakwa muri we, mushikamishijwe n’ukwizera nk’uko mwigishijwe, murushiriza gushima.


ariko ni naba ngitevye n’ukugira ng’uz’ umenye uko bikwiye kugenzwa mu ngoro y’Imana, ni yo shengero ry’Imana nzima, vyongeye ni yo nkingi ishigikiye ukuri.


Ariko Kristo ayoboka nk’Umwana, atwara urugo rwayo. Kand’ urugo rwayo ni twebge, namba tubangirije ubushizi bg’amanga n’ukwirata ivyizigiro vyacu rwose, gushitsa kw iherezo.


mwubakwe nk’amabuye afise ubugingo, kugira ngo mube inzu yo mu buryo bg’impwemu, mugire ibango ry’ubuherezi ryera, ngo mutange ibimazi mu buryo bg’impwemu, bishimwa n’Imana kubga Yesu Kristo.


Nuko twebge dukwiye kwākīra neza abameze bartyo, kugira ngo dufatanye n’ukuri gukora igikorwa.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ