Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Korinto 3:7 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

7 Nuk’ ūzitera nta co amaze, cank’ ūzivomera, atar’ Imana ikuza.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

7 None rero, yaba uwabivye, yaba uwavomeye, bompi nta co bamaze. Imana yonyene ikuza ni yo ihambaye.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Korinto 3:7
12 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ntabe ari twebge, Uhoraho, ntabe ari twebge, Arikw izina ryawe abe ari ryo uha icubahiro, Kubg’ imbabazi zawe n’ ukuri kwawe.


Igikundiro c’Uhoraho, Imana yacu, kibe kuri twebge: Kand’ udushimangirire ibikorwa vy’intoke zacu; Mbere, ibikorwa vy’intoke zacu ubishimangire.


Imbere yiwe amahanga yose ni nk’ubusa; kuri we agereranywa nk’ah’ ari hanyuma y’ubusa, nk’akarēre kagaragara.


Rāba bose ibikorwa vyabo nta co birimwo kandi n’ubusa gusa: ibishushanyo vyabo vyāvugutiwe mu nkero ni bga muyaga kandi n’ubusa.


Kand’ ababa kw isi bose ibagereranya n’ubusa, kand’ ikora ukw igomba mu ngabo zo mw ijuru, no mu baba kw isi; kandi nta wushobora kubuza ukuboko kwayo, canke kuyibaza, at’ Ukora iki?


Ni jewe muzabibu, namwe mur’ amashami: ūguma muri jewe, nanje nkaguma muri we, uwo ni we yama cane, kukw ata co mubasha gukora mutamfise.


Kandi naho nogira ingabire yo kuvugishwa n’Imana, nkamenya amabanga yose, n’ubgenge bgose, kandi naho nogira ukwizera kwose, ngashobora gukūrah’ imisozi, ariko ntagira urukundo, noba nd’ ubusa.


Ni jewe nateye imbuto, Apolo arazivomera, arikw Imana ni yo yazikujije.


Ūzitera n’ūzivomera ni bamwe: arik’ umuntu wese azogererwa nk’uko yakoze igikorwa ciwe.


Mbaye igipfu, ni mwebge mwabinteye, kukw ivyari bikwiye ar’ uko mba narashimagijwe namwe. Za ntumwa zihambaye cane nta co zindushije, naho nd’ ubusa.


Arambarira, at’ Ubuntu bganje buraguhāgije; kuk’ ubushobozi bganje buhīngūrirwa mu ntege nke. Nuko cane‐cane nzonezererwa kwirata intege nke zanje, ng’ubushobozi bga Kristo bunzeko.


Umuntu ni yiyumvira kw ar’ agakomeye, kand’ ata co amaze, arībesha.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ