Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Korinto 3:6 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

6 Ni jewe nateye imbuto, Apolo arazivomera, arikw Imana ni yo yazikujije.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

6 Jewe nabivye imbuto, Apolo na we arazivomera, ariko Imana ni yo yazikujije.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Korinto 3:6
29 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Umutima urekura uzototahara, Kand’ ūvomera abandi azovomerwa na we.


Ni yo ibaha kuba muri Kristo Yesu, yaduhindukiye ubgenge buva ku Mana, n’ukugororoka n’ukwezwa n’ugucungurwa:


Mbega sind’ uwidegemvya? Sind’ intumwa? Sinabonye Yesu Umwami wacu? Namwe ntimur’ igikorwa canje mu Mwami?


Nk’ukw isi ibaduka ibimeze, n’ indimiro imeza ivyayitewemwo, uko ni k’Umwami Uhoraho azomeza ukugororoka n’ishimwe imbere y’amahanga yose.


Maze Apolo akir’ i Korinto, Paulo aca mu bihugu vyo haruguru, ashika muri Efeso, asangay’ abigishwa bamwe.


Bumvise ivyo barīhorera, bahimbaza Imana, bati Noneho rer’ Imana ihaye n’abanyamahanga kwihana ngo baronke ubugingo.


kuk’ ubutumwa bgacu butābashitseko ar’ amajambo yonyene ariko bgarimwo n’ubushobozi na Mpwemu Yera, no kumara amazinda rwose; namwe murazi ubugene twari tumeze hagati muri mwebge kubganyu.


Sinzotinyuka kuvuga ikintu na kimwe atar’ ico nakoreshejwe na Kristo, kugira ngw abanyamahanga baganduke, ampaye amajambo n’ibikorwa,


Amaze kubaramutsa, ababarira ivy’ Imana yakoze mu banyamahanga imukoresheje, abidonze kimwe‐kimwe.


Maz’ Umuyuda yitwa Apolo, amamo yiwe ni muri Alekisanderiya, yar’ umuntu w’ubgenge, ashika muri Efeso; yar’ umunyabushobozi mu vyanditswe.


Umugore umwe yitwa Ludiya, umudandaza w’impuzu z’inyambarabami, wo mu gisagara citwa Tuwatira, yubaha Imana, aratwumviriza. Umwami Yesu amwugurura umutima, kugira ngw awushire ku vyo Paulo yavuga.


Uhoraho iy’ atari we yubaka inzu Abayubaka baba baruhira ubusa. Uhoraho iy’ atari we azigama igisagara Umuteramyi abera maso ubusa.


Imana yavuze rimwe; Navyumvise kabiri; Ngw Imana ni yo ifise inganji:


N’ukuri abafafara ni nk’impwemu zihumetswe, kand’ abahambaye n’ibinyoma gusa: Ni bashirwa ku munzane, bazoteruka gusa; Bose hamwe bahwahutse kurusha impwemu zihumetswe.


Bashitseyo bakoranya ishengero, babīgānira ivy’ Imana yakoranye na bo vyose, n’ingene yugururiye abanyamahanga urugi rwo kwizera.


Ico mvuze n’iki, yuk’ umuntu wese muri mwebge avuga, ati Jeho nd’uwa Paulo; uwundi ati Jeho nd’uwa Apolo; uwundi ati Jeho nd’uwa Kefa; uwundi ati Jeho nd’uwa Kristo.


Nuk’ ūzitera nta co amaze, cank’ ūzivomera, atar’ Imana ikuza.


ari Paulo, canke Apolo, canke Kefa, cank’ isi, cank’ ubugingo, cank’ urupfu, cank’ ibiriho, cank’ ibizoba, vyose n’ivyanyu,


Kristo abe mu mitima yanyu kubg’ ukwizera; kugira ngo mugize imizi ishinzwe mu rukundo, n’amabuye y’itanguriro arwubatswemwo,


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ