Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Korinto 3:3 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

3 kuko mukiganzwa n’ivy’ akameremere kanyu. Ko muri mwebge har’ ishari n’ugutongana, ntimuganzwa na vyo? Ntimugenda nk’abantu?

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

3 Muracagendera mu ngeso zanyu za kera zo mw’isi kuko muracagiriranira ishari kandi muracatongana. None ivyo ntivyerekana ko mukigendera mu ngeso zanyu za kera? Mbega ntimubayeho nk’abandi bose batizera?

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Korinto 3:3
17 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ariko bo, bishe isezerano nka Adamu: aho ni ho bāndyarukiye.


Tugendane ingeso nziza, nk’abagenda ku murango, tutadandahirwa, tutaborerwa, tudasambana, tudakora ivy’ isoni nke, tudatongana, tutagira ishari.


Ariko ndabinginga, bene Data, mw izina ry’Umwami wacu Yesu Kristo, mwese mube imvugarimwe, kandi n’ibice ntibiremwe muri mwebge, ariko mutunganywe rwose hamwe, muhūje umutima n’inama.


Kuko nabariwe ivyanyu, bene Data, n’abo kwa Kilowe, yuko har’ imitongano muri mwebge.


Ica mbere, iyo mukoraniye mw ikoraniro, numva yuko mwitandukanya, kandi ngira ngo muri bimwe‐bimwe vyoba ari ko biri.


Umuntu umwe kw avuga, ati Jeho nd’uwa Paulo, uwundi ati Jeho nd’uwa Apolo, ntimur’ abantu se?


Kuko binteye akōba yuko, aho nzozira, kumbure nzosanga mumeze uko ntagomba, nanje muzosanga mmeze uko mutagomba; kandi yuko kumbure hazoba imitongano, n’ishari, n’uburake, n’ikēba, n’ukuvuga abandi nabi, n’insaku, n’ukwihimbariza ubusa, n’imivurungano;


Ariko ni mwashikurana, mugatsontsomerana, mwirinde ntimuhezanye.


Kuko natwe nyene kera twar’ ibipfu, tur’ intabarirwa, tuzimizwa, tujakariye ukwifuza n’ukwinezereza vy’uburyo bginshi, twama tugira urwanko n’igono, tur’ abo kwankwa natwe twankana.


Kukw ah’ ishari riri, bo no kwirema ibice, ari ho umuvurungano uri, n’igikorwa kibi cose.


kugira ngw amare imisi isigaye akiri mu mubiri atagikorera ivyifuzo vy’abantu, arikw akora ivy’ Imana igomba.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ