Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Korinto 2:6 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

6 Yamara, tuvugana ubgenge hagati mu bātunganijwe rwose, arik’ ubgo bgenge s’ubg’ iki gihe, cank’ ubg’ abaganza b’iki gihe bagenda bayōka.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

6 Ariko ku bakuze mu kwizera, ubutumwa tuvuga ni ubw’ubwenge: ubwo bwenge si ubw’iki gihe canke ubw’abatware b’iki gihe bazokurwaho.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Korinto 2:6
36 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Mu gihugu c’i Uzi hār’ umuntu yitwa Yobu; kand’ uwo muntu yar’ umuntu atunganye w’umugororotsi, yubaha Imana, akitandukanya n’ikibi.


Ishorera abaherezi ar’ inyagano, Icurikiranya abakomeye.


Isuka agakēngērwe ku bahambaye, Ikadohora umukanda w’abahizi.


Impwemu ziwe zimuvamwo, akisubirira mw ivu ryiwe; Uwo musi nyene imigabo yiwe igashira.


Uhoraho ahindura ubusa imigabo y’amahanga, Atuma ivyiyumviro vy’amoko bipfa ubusa.


Witegereze ūtunganye rwose, urābe umugororotsi: Kukw amaherezo y’ūmeze artyo ar’ amahoro.


ni yo ihindura abaganwa ubusa; ikamanganya abacamanza bo mw isi, bakaba nk’akarēre kagaragara.


Uwabibge mu mahwa ni we yumva iryo jambo, arik’ umwitwaririko w’ivy’ isi n’uruhendo rw’ubutunzi bikanyoha iryo jambo, akaba ikirumbirane.


Yesu aramubgira, at’ Asangw’ ugomba kuba agahore, genda ushōre ivyo utunze, ugabire aboro, ni ho uzogira itunga mw ijuru, utek’ uze, unkurikire.


Mwebge ni mube agahore, nk’uko So wo mw ijuru ar’ agahore.


Nuko shebuja ashima uwo mubgiriza agabitanya, kuko yakoze ivy’ ubgenge: kukw abana b’iki gihe bagira ubgenge mu vy’ubu bugingo kurusha abana b’umuco.


kandi n’ivyoroshe vyo mw isi, n’ibikēngērwa, mbere n’ibitariho, Imana yarabitoranije ngw itītūre ibiriho:


Kuk’ umwe aheshwa na Mpwemu ijambo ry’ubgenge, uwundi agaheshwa n’uwo Mpwemu ijambo ryo kumenya,


Bene Data, ntimube abana mu bgenge, ariko mube ibitazi mu bibi; ariko mu bgenge mube abagabo.


Nanje, bene Data, hamwe nabasanga i wanyu, sinaje nd’agakūra mu majambo canke mu bgenge, mu kubamenyesha ibanga ry’Imana.


Na vyo nyene turabivuga, ariko ntitubivuga mu majambo yigishwa n’ubgenge bg’abantu, ariko tubivuga mu yigishwa na Mpwemu, tugereranya ivy’ impwemu n’ivy’ impwemu bindi.


Kandi mu baganza b’iki gihe nta wabumenye: iyo baba bārabumenye ntibaba bārabamvye Umwami w’icubahiro.


Kubganje, bene Data, sinashoboye kubabgira nk’ab’ impwemu, ariko nababgiye nk’abaganzwa n’akameremere k’imibiri yabo, nk’abana b’inzoya bo muri Kristo.


Kuk’ ukwirata kwacu ar’ uku, kand’ ijwi ryo mu mitima yacu rirabishingira intahe: ingeso twagirira mw isi, kandi cane‐cane muri mwebge, zar’ ukwera, n’imitima itagira ubugunge iva ku Mana, atari mu bgenge bg’abantu, ariko mu buntu bg’Imana.


Ibisigaye bene Data, muganūke; mutungane rwose, mwemere guhanūrwa, muhuze imitima, mubane amahoro. Ni ho Imana Nyen’ urukundo n’amahoro izobana namwe.


Ariko namb’ ubutumwa bgiza twahawe butwikirwa, butwikirirwa abahona,


ni bo batizera, bamwe imana y’iki gihe yahumye imitima, ng’umuco ntubākire w’ubutumwa bg’ubgiza bga Kristo, ni we shusho y’Imana.


ivyo mwagenderamwo kera, nk’ukw ivy’ iyi si bigenda, mwumvira umwami w’abaganza ikirēre, ni we mpwemu ikorera mu bantu b’intabarirwa.


Natwe ni we twamamaza, duhanūra umuntu wese, twigishisha umuntu wese ubgenge bgose, ngo dushikirize Imana umuntu wese ahīngūriwe muri Kristo:


Epafura w’i wanyu, umugurano wa Kristo Yesu, arabatasha, yama abarwanira mu gusenga kwiwe kugira ngo mushikame, mutunganye rwose, mumenya neza mudakekeranya ivy’ Imana igomba vyose.


Ariko, ivyo kurya bigumye n’ivy’ abakuze, bafise ubgenge, maze kubgo kwama babukoresha, bumogorera gutandukanya ikibi n’iciza.


Nuko rero turēngāne ivya mbere vya Kristo, twīgire imbere, dushike ku vyo gutunganywa rwose, twoye gusubira gushirah’ itanguriro ryo kwihana ibikorwa vy’impfagusa, no kwizera Imana,


Ubgo bgenge si bgo bgururuka buvuye mw ijuru, ariko n’ubg’ isi, n’ubg’ abantu, n’ubg’ abadayimoni.


Kuko twese dutsitara muri vyinshi. Umuntu wese adatsitara mu vy’avuga, aba ar’ umuntu atunganye rwose, ashobora no kuganza umubiri wiwe wose.


Kand’ Imana igira ubuntu bgose, yabahamagariye ubgiza bgayo budashira muri muri Kristo, ni mwaheza kubabazwa akanya gato, izobahīngūra rwose ubgayo, izobaremesha, ibahe inkomezi.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ