Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Korinto 2:1 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Nanje, bene Data, hamwe nabasanga i wanyu, sinaje nd’agakūra mu majambo canke mu bgenge, mu kubamenyesha ibanga ry’Imana.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

1 Bene Data, igihe naza iwanyu, sinaje mfise amajambo aryohoye arimwo ugushira amazinda, canke ubwenge bw’abantu mu kubamenyesha ibanga ry’Imana.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Korinto 2:1
23 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Mose abarira Uhoraho, ati Mwami, mbega ko ntar’ imvuzi, bikaba bitantanguyeko ejo canke hirya y’ejo, cank’ ubu aho tuvuganiye, jewe umusavyi wawe: kuko ntabangutse mu mvugo canke mu rurimi.


Dusubire ku vyagezwe no kuri vya Bishinga intahe! Ni batāvuga ibihwanye na vyo bazoba mu bgirantibuce.


Nashinze intahe mu Bayuda no mu Bagiriki y’ukwihana mu nyonga z’Imana, n’ukwizera Umwami wacu Yesu Kristo.


ndamubona ambgira, ati Tebuka, uve i Yerusalemu vuba, kuko batazokwemera ivy’ unshingira intahe.


Kukw abameze bartyo Umwami wacu Kristo atari we bajakariye, ariko n’inda zabo, kandi bōhesha imitima y’aberanda amajambo meza n’ivyo kubanezereza.


Imana ishobora kubakomeza, nk’uk’ ubutumwa bgiza nahawe n’ukwigisha ivya Yesu Kristo bivuga, bihūra no guhishurwa kw’ ibanga ryahozwe uhereye kera hose,


Kuko Kristo atāntumye kubatiza, ariko yantumye kuvuga ubutumwa bgiza, ntavugishije ubgenge bg’amajambo, kugira ng’ umusaraba wa Kristo ntucīke ubusa.


kuk’ ugushingira intahe Kristo kwakomejwe muri mwebge.


Na vyo nyene turabivuga, ariko ntitubivuga mu majambo yigishwa n’ubgenge bg’abantu, ariko tubivuga mu yigishwa na Mpwemu, tugereranya ivy’ impwemu n’ivy’ impwemu bindi.


imvugo yanje n’ukwigisha kwanje ntivyarimw’ amajambo y’ubgenge yo kwemeza abantu, ariko vyaserukamwo Mpwemu n’ubushobozi,


Ariko tuvugishwa n’ubgenge bg’Imana bgari bgaragizwe ibanga, bgari bgaranyegejwe, ubgo Imana yagabiye kera, ibihe vyose bitarabaho ko buzoba icubahiro cacu.


Kuko bavuga, bat’ Ivyete vyiwe birahambaye, birasogōta, arikw iy’ ar’ ino, arakēngēretse, kand’ amajambo yiwe nta co amaze.


Naho nd’umutungu mu majambo, sind’ umutungu mu bgenge, kand’ ivyo twarabiberetse muri vyose no mu maso ya bose.


ah’ azozira gushimirwa abera biwe kuri wa musi, no gutangarirwa kubg’ abāmwizeye bose, kukw intahe twashinze muri mwebge yemewe.


gukurikira ubutumwa bg’ubgiza bg’Imana ishemagizwa, ubgo najejwe.


Nuko ntugire isoni zo gushingira intahe Umwami wacu, cank’ izanje imbohe yiwe. Arik’ ufatanye nanje kwihanganira imibabaro kubg’ ubutumwa bgiza, nk’uk’ ubushobozi bg’Imana bugushoboza,


Natwe twarabibonye, tubishingira intahe, yuko Data wa twese yatumye Umwana wiwe kuba Umukiza w’isi yose.


yashingiye intahe ivyo yabonye vyose, ni vyo jambo ry’Imana, no gushinga intahe kwa Yesu Kristo.


Jewe Yohana, mwene So, musangiye amarushwa n’ubgami n’ukwihangana biri muri Yesu, nari ku kizinga Patimo co mu kiyaga, bampōra ijambo ry’Imana no gushingira intahe Yesu.


Nikubitishwa hasi imbere y’ibirenge vyiwe no kumusenga. Arambarira, at’ Oya sigaho; nd’umugurano mugenzawe, kandi ndi mugenzi wa bene So bafise ivyo gushingira intahe Yesu: Imana ba ari yo usenga. Kukw abashingira intahe Yesu baba bavugishwa na Mpwemu.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ