Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Korinto 14:3 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

3 Arik’ ūvugishwa n’Imana, abarira abantu ivyo kubakomeza n’ivyo kubahanūra n’ivyo kubirura.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

3 Ariko uwuvugishwa n’Imana aba ariko arabwira abantu kugira ngo bakomezwe, baterwe intege bongere birurwe.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Korinto 14:3
42 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Namwe n’uko, kuko mwifuza ivya Mpwemu, kuremesha ishengero kube ari kwo gutuma mugomba kurushiriza.


Gushitsa aho nzozira wame ugira umwete wo gusomera abantu no kubahanūra no kubigisha.


Ariko mweho, bakundwa, mwiyubake ku kwizera kwanyu kwera cane, musengere muri Mpwemu Yera,


agumya ijambo ryo kwizerwa rihūra n’ukwigisha kwacu, kugira ngw abone guhanūra abantu mu kwigisha kuzima no gutsinda abamuhāririza.


Ni we mbatumyeko kubg’ ivyo nyene, ngo mumenye ivyacu, kandi ngw aremeshe imitima yanyu.


uvuge ijambo ry’Imana, uhore ugavye mu gihe gikwiye no mu kidakwiye, uhane, wihanize, uhanūre, mu kwihangana kwose no mu kwigisha.


N’imisore n’uko ubahanūre ntibahugumbe;


Kuko mwese mushobora kuvugishwa n’Imana umwe‐umwe, ngo bose bige, bose bahanūrwe.


Ni bite ga bene Data? Iyo mukoranye, umuntu wese aba afise indirimbo, cank’ amajambo yo kwigisha, cank’ amajambo ahishuriwe, cank’ ururimi rutamenyekana, cank’ amajambo yo kurusobanura. Vyose bikorwe kugira ngw abantu bakomezwe.


Nuko dukurikire ivy’ amahoro n’ivyo gukomezanya:


Isomwa ry’ivyagezwe n’ivy’ abāvugishwa n’Imana riheze, abakuru b’isinagogi batuma kuri bo, bati Bene Data, ni mwaba mufise ijambo ryo guhanūra abantu, ni murivuge.


Hanūra abagurano bagororokere ba shebuja, babahimbare muri vyose, ata guhārīra,


Kuk’ uguhanūra kwacu kutava mu buzimire, canke mu buhumane, kand’ atar’ ukw’ ubugunge:


Vyose turavyemererwa, arikw ibitugirira ikimazi si vyose. Vyose turavyemererwa, arikw ivyubaka si vyose.


Mbandikiye icete c’amajambo make, canditswe na Siluwano, mwene Data w’umwizigirwa uko niyumvira; mbahanūra nshinga intahe yuk’ ubgo ari bgo buntu bg’Imana bg’ukuri: mubuhagararemwo mushikamye.


Ariko bene Data, ndabahanūra, mwihanganire iri jambo ribahanūra, kuko mbandikiye amajambo make.


twoye guheba gukoranira hamwe, nk’uko bamwe bagira, ariko duhanūrane, kand’ uko mubonye wa musi wegereza, murushirize kugenza murtyo.


Wame uvuga ivyo, ubahanūra, ubahana, nk’ūfise ububasha rwose. Ntihakagire ūgukēngēra.


Kand’ abafise ba shebuja bizera, boye kubagayishwa n’ukw ari bene Data, ariko barushirize kubakorera, kukw abagirirwa ico kimazi ar’ abizera n’abakundwa. Uze wigishe ivyo, ubibahanūre.


ntibababare ivy’ imigani y’ibinyoma n’ivyo kuzīrōra ivy’ akārōnda katagira iherezo, bidafasha igikorwa c’Imana gikorera mu kwizera, ariko bizana impāri.


Arikw abameze bartyo turabagera tubahanūra kubg’ Umwami Yesu Kristo, gukora ibikorwa batekereje, babone kurya ivyo bīronkeye ubgabo.


Nuko bene Data, ibisigaye, turabinginga tubahanūra mu Mwami Yesu, nk’uko mwize kuri twebge ingene mukwiye kugenda no kunezereza Imana (kandi ni ko mugenda), murushirize cane kugenza murtyo.


dutuma Timoteyo, mwene Data, umukozi w’Imana agabura ubutumwa bgiza bga Kristo, ngw abakomeze abaremeshe ku vy’ ukwizera kwanyu,


nk’uko muzi ingene twari tumeze ku muntu wese muri mwebge, nk’uko se amera ku bana biwe, tubahanūra, tubaremesha, dushinga intahe,


Ni we mbatumyeko kubg’ ivyo nyene, ngo mumenye ivyacu, kandi ngw aremeshe imitima yanyu,


Ntihaze hagire ibiyāgo bibi biva mu kanwa kanyu, ariko muvuge ijambo ryiza ryose ryo gukuza ūkwiye kuribgirwa, kugira ngo riheshe abaryumvise ubuntu bg’Imana.


none ni co gituma mukwiye cane‐cane kumuharira, no kumwirura, ng’ūmeze artyo ntarengerwe n’umubabaro usāgutse.


itwirura mu marushwa yacu yose, kugira ngo natwe tubone uko twirura imibabaro abari mu marushwa yose, tuyibiruza uko natwe twiruwe n’Imana.


N’ukuri kubgawe ushima neza, ariko wa wundi ntakomezwa.


Ku vy’ ivyaterekerejwe ibishushanyo vy’ibigirwamana, turazi yuko twese turi n’ubgenge. Ubgenge burakakīsha, arik’ urukundo rurubaka.


Umuntu wese muri twebge anezereze mugenzi we, kugira ngw abone ivyiza, akomezwe.


cank’ ūhanūra ashishikarire guhanūra; ūgira ubuntu, abugire ata kinubge; ūganza aganzanye umwete; ūgira imbabazi, azigire anezerewe.


Na Yuda na Sila, kuko na bo bār’ abavugishwa n’Imana, bahanūra bene Data mu majambo menshi, barabaremesha.


baremesha imitima y’abigishwa, babahanūra ngo bagume mu kwizera: kandi yuko dukwiye guca mu marushwa menshi mu kwinjira mu bgami bg’Imana.


Nukw ishengero ryose ryari hose i Yudaya n’i Galilaya n’i Samariya rigira amahoro, rirahangama: kandi rigenda ryubaha Umwami Yesu, rihagarikiwe na Mpwemu Yera, riragwira.


Kand’ abarira abantu ubutumwa bgiza, abahanūrisha ibindi vyinshi;


Ariko muhanūrane uko bukeye bicitwa uyu musi, ntihagire uwo muri mwebge akomantazwa umutima n’uruhendo rw’icaha.


Na Yosefu, uwo intumwa zise Barunaba, risobanurwa ng’Umwana wo guhanūra, Umulewi yavukiye i Kupuro,


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ