Erega n’ivyo n’ubusunwa gusa bg’inzira zayo: Kandi n’ivyo twumva kuri yo ni nk’utwongorerano dutoya! Non’ imyasano y’ububasha bgayo ni nde yoshobora kuyitahura?
Uhoraho, Mana yanje, ibikorwa bitangaje wakoze ni vyinshi, Bo n’ivyo wiyumvira kutugirira; Nta wogereranywa nawe. Nogomba kubidonda no kubivuga Birenze uko vyoharūrwa.
Ni nde yadūze mw ijuru, akamanuka? Ni nde yakoranirije umuyaga mu bipfunsi vyiwe? Ni nde yatēkeye amazi mu mwambaro wiwe? Ni nde yashimangiye impera zose z’isi? Izina ryiwe ni nde, cank’ izina ry’umwana wiwe, namba worimenya?