Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Korinto 13:9 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

9 Kuko tuzi agace, kandi tuvugishwa n’Imana agace,

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

9 Ubwenge dufise ubu ni agace, kandi n’ukuvugishwa n’Imana kwacu kwerekana agace.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Korinto 13:9
16 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Erega n’ivyo n’ubusunwa gusa bg’inzira zayo: Kandi n’ivyo twumva kuri yo ni nk’utwongorerano dutoya! Non’ imyasano y’ububasha bgayo ni nde yoshobora kuyitahura?


Kumenya ben’ ukwo n’igitangaza ntobasha; Kuransiga, simbasha kugushikīra.


Uhoraho, Mana yanje, ibikorwa bitangaje wakoze ni vyinshi, Bo n’ivyo wiyumvira kutugirira; Nta wogereranywa nawe. Nogomba kubidonda no kubivuga Birenze uko vyoharūrwa.


Ni nde yadūze mw ijuru, akamanuka? Ni nde yakoranirije umuyaga mu bipfunsi vyiwe? Ni nde yatēkeye amazi mu mwambaro wiwe? Ni nde yashimangiye impera zose z’isi? Izina ryiwe ni nde, cank’ izina ry’umwana wiwe, namba worimenya?


Vyose nabihawe na Data, kandi nta wuzi Umwana, atari Data, na Data, nta wumuzi, atar’ Umwana, n’uwo Umwana agomba kumuhishurira.


Ni nde yamenye umutima w’Uhoraho? Canke ni nde yabaye umujanama wiwe?


ariko, ah’ igihingūye kizoshikira, ivy’ agace bizokūrwaho.


Kuk’ ubu turābira mu cirore ivyijiji, arikw ico gihe tuzorāba nk’abarābana imbonankubone. Ubu nzi agace, arikw ico gihe nzomenya rwose nk’uko namenywe rwose.


Ariko nk’uko handitswe, ngw Ivy’ ijisho ritigeze kubona, n’ivy’ ugutwi kutigeze kwumva, Ibitigeze kwinjira mu mutima w’umuntu, Vyose Imana yavyiteguriye abayikunda.


Ni hagira umuntu yiyumvira yuko har’ ic’ azi, azoba ataramenya nk’ukw akwiye kumenya.


Jewe, uwuri mu nyuma y’uwo mu nyuma y’abera bose, naherewe ubgo buntu kubgira abanyamahanga ubutumwa bgiza bg’itunga rya Kristo ritagira aho riherera,


Abo nkunda, none tur’ abana b’Imana, arik’ uko tuzomera ntikurahishurwa; ico tuzi, n’uko Yesu ni yahishurwa tuzosa na we, kuko tuzomurāba ukw ari.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ