Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Korinto 11:3 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

3 Ariko ndagomba ko mumenya k’umutwe w’umugabo wese ari Kristo, kandi k’umutwe w’umugore ar’ umugabo, kandi k’umutwe wa Kristo ar’ Imana.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

3 Ariko hari ico mukwiye kumenya: umutwe w’umugabo ni Kristo, umutwe w’umugore ni umugabo wiwe, umutwe wa Kristo na wo ni Imana,

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Korinto 11:3
23 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Kand’ abarira uwo mugore, ati Nzogwiza rwose umubabaro wawe ufise inda; uzokwama uvyara abana ubabara; kand’ umugabo wawe uzomuhoranira inyota, na we azokuganza.


Rāba, umushumba wanje azoja imbere, azokuzwa ashirwe hejuru, asumbe abandi.


Rāba, ndamutanze ngw abe icabona co gushingira intahe amahanga, ngw abe n’umukuru na segaba w’amahanga.


Yesu arabēgēra, arababgira, ati Jewe nahawe ububasha bgose mw ijuru no mw isi.


Mwumvise ko nababgiye, nti Ndagiye, ariko nzobagarukako. Iyo muba munkunda, muba munezerejwe n’uko ngiye kwa Data, kuko Data ari we anduta.


namwe mur’ aba Kristo, Kristo n’uw’ Imana.


Ariko tube imvugakuri turi mu rukundo, dukurire muri we muri vyose, ari we mutwe, ni wo Kristo;


Ni we mutwe w’umubiri, ni wo shengero: kandi ni we tanguriro, ni we mfura mu kuva mu bapfuye, kugira ngw abe agaheta muri vyose.


Kandi munengeserezwa no kumubamwo, ni we mutwe w’ubukuru bgose n’ububasha bgose.


kand’ atifatanya na wa Mutwe, kuri wo umubiri wawo wose, ufashijwe n’ingingo n’imitsi, ugateranywa neza na vyo, ni ho uronka gukura kwawo gutangwa n’Imana.


Bagore, mugamburukire abagabo banyu, nk’uko bibereye abari mu Mwami wacu.


Namwe bagore n’uko, mugamburukire abagabo banyu, kugira ngo, naho bamwe batumvira ijambo ry’Imana, bareshwe n’ingeso nziza z’abagore babo, batagize ijambo bavuze,


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ