Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Korinto 10:7 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

7 Kandi ntimugasenge ibishushanyo vy’ibigirwamana, nk’uko bamwe bo muri ba bandi bābisenga: nk’uko handitswe, ngw Abantu bicaritswe no kurya no kunywa, bava hasi baravyina.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

7 Ntimugasenge ibigirwamana nk’uko bamwe muri bo babisenze, nk’uko handitswe ngo: “Baricaye bararya, baranywa, hanyuma barahaguruka barinezereza.”

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Korinto 10:7
14 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ntimuzi yukw abagabitanya batazoragwa ubgami bg’Imana? Ntimuzimire: abashakanyi, cank’ abasenga ibigirwamana, cank’ abasambanyi, cank’ abagabo bendwa, cank’ abagabo bendana,


Nuko, abo nkunda, ni muhunge gusenga ibigirwamana.


Maz’ Uhoraho arambarira, ati Va hasi, uve hano, umanuke vuba, kuko ba bantu bawe wakūye muri Egiputa bamaze kwononekara; inzira nabageze bayitaye ata n’akanya, bironkeye igishushanyo bakivugutiye mu nkero.


Ariko burya nabandikiye ko mutivanga n’uwitwa mwene Data, namb’ ar’ umusambanyi, cank’ uwifuza, cank’ ūsenga ibigirwamana, cank’ ūtukana, cank’ ūborerwa, cank’ umunyazi: ūmeze artyo, no gusangira ntimugasangire na we.


Nukw ashitse hafi y’aho bashagaje, abona ya masa n’abariko baratamba; uburake bga Mose buraziriringa, ata hasi ivyo bisate yar’ afise mu ntoke, abimenera mu mucāmo w’uwo musozi.


Maze Yosuwa yumvise urwamo rw’abantu bayogora, abarira Mose, ati Har’ urwamo rw’intambara mu nsago!


Arazābīra, azivugutira mu nkero, azikūramw’ igishushanyo c’imasa, agitunganishije isinzo; baravuga, bati Yemwe Bisirayeli, ngiyo imana yanyu, yabakūye mu gihugu ca Egiputa.


Arik’ ubgo bgenge ntibufiswe na bose: kuko bamwe bāremariye mu bigirwamana gushitsa n’ubu, barya ikintu bibgira ko caterekerejwe ikigirwamana, kand’ umutima ugahumanywa no kudakomera.


ariko tubandikire ngo bareke ibihumanya vy’ibigirwamana, no gusambana, no kurya ibinizwe, bo n’amaraso.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ