Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Korinto 10:4 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

4 bose bagasangira vya vyo kunywa vy’ impwemu. Kuko bānywa ku gitandara c’impwemu cabakurikira, ico gitandara cāri Kristo.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

4 banywa no ku kinyobwa kimwe c’impwemu; kuko banyoye ku gitandara c’impwemu cabaherekeza, ico gitandara na co cari Yesu Kristo ubwiwe.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Korinto 10:4
23 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Yosefu aramubarira, at’ Uku ni ko zisobanurwa: ayo mashami atatu n’imisi itatu;


Za nka ndwi nziza n’imyaka ndwi, na ya mihuruhumbi myiza n’imyaka ndwi nyene: inzozi ni zimwe.


Atobora igitandara, amazi aradudubiza, Atemba ahantu hagadutse nk’ uruzi.


Yasaturiye ibitandara mu bugaragwa, Ibanywesha amazi menshi nk’ ayava i bgina.


Rāba, yakubise ca gitandara, amazi aradudubiza, Imigezi iratemba; Mbega yoshobora kuduha n’ umutsima? Yoronkera abantu bayo inyama?


Ehe rāba nanje ndahagarara imbere yawe hariya ku gitandara c’i Horebu; nawe uheze uje gukubita ico gitandara, amazi aca yisuka avuye muri co, abantu banywe. Nuko Mose abikora artyo imbere y’abakuru b’Abisirayeli.


Ibikōko vyo mw ishamba bizonyubaha, bo n’imbgebge n’ibisīga vyitwa imbuni, kuko ntanze amazi mu bugaragwa, ngatembesha inzūzi ahagadutse, kugira ngo nnyweshe abantu banje, bamwe natoranije,


Kand’ aho yabarōngōra mu bugaragwa nta ho bishwe n’inyota; yabatembeshereje amazi ava mu gitandara; yasatuye igitandara, amazi arasendanisha.


kand’ ah’ abantu baba hose yaguhaye n’ibikōko vyo mw ishamba, n’ibiguruka vyo mu kirēre, ibishira mu kuboko kwawe, iguha kubiganza vyose. Nuko rer’ uwo mutwe w’izahabu ni wewe.


At’ Ivyo bikōko binini ukw ari bine, ni bo bami bane bazokwaduka bazukurutse mw isi.


Mose araheza amanika ukuboko, akubita ico gitandara inkoni yiwe kabiri: amazi menshi aca arasendanisha, iryo shengero riranywa, bo n’ivyo bashoreye.


Yesu aramwishura, at’ Iy’ uba war’ uzi ingabire y’Imana, ukamenya n’ūgusavye ngo Mpa utwo kunywa uw’ ari we, nawe uba umusavye, na we akaguha amazi y’ubugingo.


arik’ ūnywa amazi nzomuha, ntazoba akigira inyota na mba gushitsa ibihe vyose, arikw amazi nzomuha azohinduka muri we imbizi y’amazi yiburuka azana ubugingo budashira.


Nuko ku musi uherūkira ya misi mikuru, ni wo musi uruta iyindi, Yesu arahagarara, arasemerera, ati Namba har’ ūfise inyota, n’aze kuri jewe, anywe.


Nuko Hagari n’umusozi Sinayi wo muri Arabiya, usobanurwa ngo Yerusalemu wa none, kuk’ usangiye ubuja n’abana bawo.


Ndaheza nābīra bga buyobe bganyu, ya masa mwacuze, ndayiturira, ndayisekura ndayinoza, kugeza icitse ifu; mmēmēra ifu yayo mu kagezi kamanuka kava kuri wa musozi.


ivyo vyar’ igitūtu c’ivyari birāriye kuzoza, arik’ umutumba ubgawo n’uwa Kristo.


Ivyagezwe ko bifise igitūtu c’ivyiza bizoza, bidafise ishusho bgite y’ivyo vyiza, nta ho vyoshobora guhīngūra abēgēra igicaniro, bibahīngūrisha ivyo bimazi nyene bahora batanga imyaka n’imyaka.


Kandi Mpwemu bo na wa mugeni barahamagara, bati Ngwino. Kand’ uwumva n’ahamagare, ati Ngwino. Kand’ ūfise inyota n’aze, ūgomba ni yākīre amazi y’ubugingo ku buntu.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ