3 bose bagasangira vya vyo kurya vy’impwemu,
3 Bose bariye ivyokurya bimwe vy’impwemu,
Ubaha umutsima uvuye mw ijuru wo kubamara inzara, ubaha n’amazi adudubiza mu gitandara yo kubamara inyota, ubagera kuja kwinjira igihugu warahiye k’uzokibaha.
Wabahaye Mpwemu wawe mwiza wo kubaha ubgenge, ntiwabimye manu yawe yo kurya, ubaha n’amazi yo kubamara inyota.
Barasaba, azana inkware, Abahimvya umutsima wo mw ijuru.
Abisirayeli babibonye, barabazanya, bat’ Ibi n’ibiki? kuko batāmenye ivy’ ari vyo. Mose arababgira, at’ Uwo n’umutsima Uhoraho abahaye kw ivyo kurya.
Abisirayeli bamara imyaka mirongwine barya manu, bageza aho bashikiye mu gihugu kirimw’ abantu; barya manu bashitsa aho bagereye ku rugabano rw’igihugu c’i Kanani.
Maz’ Uhoraho abarira Mose, ati Rāba, ngira ngo ndabacuncuburire umutsima uvuye mw ijuru: uko bukeye abantu baze bame baja kwegeranya ivy’ uwo musi, kugira ngo mbagerageze ndābe yuko bitondera ivyagezwe vyanje, canke ko batavyitondera.
Nuko yabacishije bugufi, yemera ko musonza, araheza abagaburira manu mutāri muzi, na ba sogokuruza banyu batigeze kumenya; kugira ngw abamenyeshe yuk’ umuntu adatungwa n’ivyo kurya gusa, arikw atungwa n’amajambo yose ava mu kanwa k’Uhoraho.