Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Korinto 10:1 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Bene Data, singomba ko mutamenya yuko ba sogokuruza bose bāri musi ya ca gicu, kandi yuko bose bāciye hagati ya ca kiyaga cigabanije,

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

1 Bene Data, singomba ko mwibagira ko ba sogokuruza mu bugaragwa bagendera musi y’igicu, kandi ko bose bajabutse baciye mu kiyaga.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Korinto 10:1
29 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Arikw Abisirayeli bāciye hagati mu kiyaga nk’abaca ku musozi, amazi ababera nk’umurombero i buryo n’i bumoso.


Agaranzura igicu co kubatwikira, N’umuriro wo kubamurikira mw ijoro.


Ukwizera ni kwo kwatumye baca mu Kiyaga Gitukura, nk’abaca ku musozi, arikw Abanyegiputa babigejeje, bararengerwa.


Ariko, namba har’ umuntu atabimenye, ntakabimenye.


Ibarōngōra amahoro, bituma badatinya: Arikw ikiyaga kirengera abansi babo.


Yahinduye ikiyaga ahūmūtse, Kandi baciye mu ruzi n’ ibirenge: Aho ni ho twayinezererewe.


ariko na ho nyene kubg’ imbabazi zawe nyinshi ntiwabataye mu bugaragwa; inkingi y’igicu ntiyabavuye imbere ku murango ibarōngōra mu nzira, cank’ inkingi y’umuriro mw ijoro yo kubamurikira, ngw ibereke inzira bacamwo.


Ati Kuk’ Uhoraho Imana yanyu yakamije amazi yarwo imbere yanyu, kugeza muhejeje kujabuka, nk’uko yagize Ikiyaga Gitukura, igihe yagikamiriza imbere yacu kugeza duhejeje kujabuka;


yahora abaja imbere mu nzira, kugira ngw abaronderere aho mushinga amahema, mw ijoro akagendera mu muriro, kugira ngw abereke inzira mukwiye gucamwo, ku murango akagendera mu gicu.


Bavuduka imbere y’i Pi‐hahiroti, baca hagati mu kiyaga, bafata ubugaragwa; bagenda urugendo rw’imisi itatu mur’ ubgo bugaragwa bgo muri Etamu, basagaza i Mara.


na bo bazobibgira ben’ ico gihugu: barumvise yuko wewe, Uhoraho, uri hagati mur’ aba bantu; kuko wewe, Uhoraho, uboneka imbonankubone, n’igicu cawe kigahagarara hejuru yabo, kand’ ukaja imbere yabo uri mu nkingi y’igicu ku murango, no mu nkingi y’umuriro mw ijoro.


Maze ca gicu gipfuka ihema ry’ibonaniro, ubgiza bg’Uhoraho bguzura mw ihema ry’imbere.


Bene Data, ivy’ ingabire za Mpwemu, singomba ko mutabimenya.


Kand’ ahabga ikimenyetso, ni kwo gukebga, kuba ikimenyetso c’ukugororoka kwavuye kuri kwa kwizera yar’ afise atarakebga, kugira ngw abe sekuruza w’abizera bose batākebge, ngo bibaharūrweko nk’ukugororoka;


Ko mur’ aba Kristo, mur’ uruvyaro rwa Aburahamu, mur’ abaragwa nk’uko vyasezeranywe.


Kukw Imana, kw itāgiriye ikigongwe amashami bgite, nawe ntizokikugirira.


Ba sogokuruza bacu bāsengera kur’ uyu musozi, ariko mweho mugira ngw i Yerusalemu ni ho hantu hakwiye gusengerwa.


Kandi bene Data, singomba ko mutamenya yuko kenshi nari mfise imigabo yo kuza i wanyu, ngo mbone imbuto muri mwebge namwe, nk’uko nazibonye mu yandi mahanga, ariko ngira ikimbuza kugeza n’ubu.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ