Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Korinto 1:1 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Jewe Paulo, nahamagariwe kuba intumwa ya Yesu Kristo, nk’ukw Imana yagomvye, na Sositene mwene Data,

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

1 Jewe Pawulo nahamagariwe kuba intumwa ya Kristo Yesu bivuye ku gushaka kw’Imana, hamwe na mwene Data Sositene,

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Korinto 1:1
28 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ijoro rikeye, ahamagara abigishwa biwe, atoranyamw’ icumi na babiri, abita intumwa;


Si mwebge mwantoranije, ariko ni jewe nabatoranije, nabashizeho kugira ngo mugende murāma imbuto, kandi ngw imbuto zanyu zigumeho, kugira ngw ico muzosaba Data cose mw izina ryanje, akibahe.


Yesu yongera kubabgira, at’ Amahoro abe muri mwebge. Nk’uko Data yantumye ni ko nanje mbatumye.


Mur’ iyo misi Petero ava hasi ahagarara hagati ya bene Data, (hāri hakoraniye ishengero ry’abantu nk’ijana na mirongwibiri), aravuga,


gushitsa ku musi yadūgijwe mw ijuru, ahejeje kugerera intumwa muri Mpwemu Yera, zimwe yatoranije.


Abagiriki bose basūmira Sositene, umukuru w’isinagogi, bamukubitira imbere y’intebe y’imanza. Ariko Galiyo, ivyo vyose ntiyabibabara.


Aranyishura, ati Genda, kuko nzogutuma kure ku banyamahanga.


Paulo, umugurano wa Yesu Kristo, nahamagariwe kuba intumwa, narobanuriwe ubutumwa bgiza bg’Imana,


imisi yose uko nsenze nsaba ngo noneho bishobotse Imana yemere kungendesha amahoro no kunzana i wanyu.


Ni we yaduhesheje ubuntu no kuba intumwa kubg’ izina ryiwe, kugira ngo mu mahanga yose habemw’ abumvira Imana, babiheshwa no kwizera:


Mbere jewe nd’ inyuma y’izindi ntumwa zose, sinkwiye no kwitwa intumwa, kuko nahama ishengero ry’Imana.


Kukw Imana ari yo dukorana, namwe mur’ indimiro y’Imana, mur’ inzu yubakwa n’Imana.


Paulo, intumwa ya Kristo Yesu, nk’ukw Imana yagomvye, na Timoteyo mwene Data, turabandikiye abo mw ishengero ry’Imana ry’i Korinto, n’abera bose bari muri Akaya hose:


Kuko nibgira yukw izo ntumwa zihambaye cane ata co zindusha na gatoya.


N’ukuri ivyerekana intumwa vyakorewe hagati yanyu mu kwihangana kwose, ni vyo bimenyetso n’ibitangaza n’ibikorwa bikomeye.


Kandi si nk’uko twābiziga gusa, ariko bābanje kwitanga bīha Umwami wacu, natwe nyene baratwiha, nk’ukw Imana yagomvye.


Paulo, intumwa itātumwe n’abantu, kandi nta muntu yabariwe kuntuma, ariko natumwe na Yesu Kristo, n’Imana Data wa twese yamuzuye mu bapfuye,


Paulo, nagizwe intumwa ya Kristo Yesu n’ukw Imana yabigomvye, ndabandikiye abera bari muri Efeso, b’abizigirwa bo muri Kristo Yesu.


Kandi yahaye bamwe kuba intumwa, abandi kuba abavugishwa na we, abandi kuvuga ubutumwa bgiza, abandi kuba abungere n’abigisha:


Paulo, nagizwe intumwa ya Kristo Yesu n’ukw Imana yabigomvye, na Timoteyo mwene Data,


Paulo, intumwa ya Kristo Yesu, nk’uko vyagezwe n’Imana Umukiza wacu na Kristo Yesu ivyizigiro vyacu,


ni co nashiriweho kuba umusiguzi n’intumwa (mvuze ukuri, simbeshe) n’umwigisha wo kwigisha abanyamahanga ukwizera n’ivy’ ukuri.


Paulo, intumwa ya Kristo Yesu, nk’ukw Imana yagomvye, intumwa yo kuvuga isezerano ry’ubugingo bubonerwa muri Kristo Yesu,


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ