Yuda 1:25 - Bibiliya mu Kirundi coroshe25 Ni yo Mana yonyene n’Umukiza wacu. Icubahiro, ubukuru, inkomezi n’ububasha bibe ivyayo, biciye muri Yesu Kristo Umwami wacu, uhereye kera hose, ubu no gushitsa ibihe bidashira! Amen. အခန်းကိုကြည့်ပါ။Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)25 ni yo Mana imwe yonyene, Umukiza wacu yadukirishije Yesu Kristo Umwami wacu, ubgiza n’icubahiro n’inganji n’ububasha bibe ivyayo, uhereye kera hose, na bugingo n’ubu, ugashitsa ibihe bidashira. Amen. အခန်းကိုကြည့်ပါ။ |
Woba wahawe ingabire yo kuvuga? Uvuge nk’aho Imana ari yo iriko ivugira muri wewe. Woba wahawe ingabire yo gufasha abandi, bikorane inkomezi zose Imana itanga. Ivyo bizotuma muri vyose Imana ihabwa icubahiro mw’izina rya Yesu Kristo. Icubahiro cose n’ubushobozi bibe ivy’Imana ubu n’ibihe bidashira! Amen.