22 Mugirire impuhwe abakekeranya.
22 Ababahāririza mubahanūre:
Ndabinginga rero ngo musubire mumwereke urukundo.
ese iyo mba nari kumwe namwe ngashobora kworosha ijwi ryanje, kuko ivyanyu ndabuze n’ingene ndabifata!
Bene Data, nihagira uwufatwa ariko akora icaha, mwebwe muhagaze neza muri Mpwemu, mwategerezwa kumufasha gusubira mu nzira nziza mu bugwaneza. Ariko namwe nyene mwirinde cane kugira ngo ntumugeragezwe nka we.
Mwizigamire mu rukundo rw’Imana mu kurindira ko Umwami wacu Yesu Kristo, mu mbabazi ziwe, abaha ubugingo budashira.
Mukize abandi mubakure mu muriro w’urubanza. Mwerekane imbabazi ku bandi ariko zivanze no gutinya. Yamara mwirinde no gukora ku mpuzu zandujwe n’imibiri yabo yandujwe n’ivyipfuzo vyabo bibi.