Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yohana 9:34 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

34 Baramwishura bati: “Wewe wavukiye mu vyaha wongera ubikuriramwo, none uriko uratwigisha!” Nuko baca baramwirukana mu rusengero.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

34 Baramwishura, bati Wewe wavukiye mu vyaha gusa gusa, ni wewe utwigisha? Bamuhindira hanze.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yohana 9:34
34 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Umwe mu bigisha b’ivyagezwe aramubwira ati: “Mwigisha, erega uvuze uko natwe uba udututse!”


Kuko uwishira hejuru wese azocishwa bugufi, ariko uwicisha bugufi azoshirwa hejuru.”


Ndababwire ukuri, umuntu wese atakira Ubwami bw’Imana nk’umwana muto ntazokwigera abwinjiramwo.”


Muzoba muhiriwe abantu nibabanka, bakabakumira, bakabatuka, bakabavuga nabi nk’inkozi z’ibibi, babahora Umwana w’Umuntu.


Ariko abo Data yampaye bose, bazoza aho ndi kandi sinzokwigera ndabirukana.


Mwebwe mukora nk’ivyo so akora.” Na bo baramwishura bati: “Twebwe ntituri abana b’ibivyarwa. Imana ubwayo ni yo Data.”


Abigishwa biwe baramubaza bati: “Mwigisha, ni nde yacumuye bigatuma uwu muntu avuka ari impumyi: mbega ni we canke ni abavyeyi biwe?”


Abavyeyi biwe bishuye uko kuko batinya abakuru b’Abayuda. Abo bakuru bari bafashe ingingo ko umuntu wese azovuga ko Yesu ari Kristo azokwirukanwa mu rusengero.


Yesu yumvise ko bamwirukanye mu rusengero, aja kumurondera, aramubwira ati: “Mbega urizera Umwana w’Umuntu?”


Bamwe mu Bafarisayo bari kumwe na we, bumvise ayo majambo, baramubaza bati: “Ushaka kuvuga ko natwe turi impumyi?”


Imana ni yo izocira urubanza abatizera, ariko nk’uko Ivyanditswe bivuga, “Nimwirukane inkozi y’ikibi iri hagati muri mwebwe.”


Twebwe twavutse turi Abayuda, ntituri Abanyamahanga b’abanyavyaha.


Natwe kera twigenza nka bo, twakurikira ivy’imibiri yacu yipfuza, tugakora ivyo iyi mibiri n’imitima vyacu bishaka. Kandi muri kamere muntu kacu twari abo gucibwa urubanza n’Imana nk’abandi bose.


Rwaruka, namwe mwubahe uburongozi bw’ishengero. Kandi umwe wese muri mwebwe yicishe bugufi imbere ya mugenziwe kuko, “Imana igwanya abibona ariko igirira ubuntu abicisha bugufi.”


Ninaza, nzoshira ahabona ivyo ariko arakora, ibibi n’ibinyoma akwiragiriza atuvuga nabi. Uretse ko we ubwiwe yanka kwakira bene Data, ahubwo abuza n’abashaka kubakira, akanabataramura mw’ishengero.


Narandikiye ishengero; ariko Diyotirefe, akunda kwishira imbere, ntiyemera ikibanza cacu nk’abarongozi.


kugira ngo ntihagire n’umwe ashobora gusuma canke kudandaza atagifise. Ico kimenyetso ni izina rya ca gikoko canke igiharuro gihagarariye izina ryaco.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ