Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yohana 9:29 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

29 Turazi ko Imana yavuganye na Mose, ariko ntituzi iyo uwo muntu yaje ava.”

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

29 Twebge tuzi yukw Imana yavuganye na Mose, arik’ uwo ntituzi ah’ aturuka.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yohana 9:29
28 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ariko Abafarisayo bavyumvise baca bavuga bati: “Uwo nta kindi kimushoboza kwirukana abadayimoni atari Beyelizebuli, umukuru w’abadayimoni.”


bavuga bati: “Uwu mugabo yaravuze ko ashobora gusambura urusengero rw’Imana, akarwubaka mu misi itatu.”


batangura kumurega bavuga bati: “Uwu muntu twasanze ariko aragumura abantu bo mu bwoko bwacu, ababuza gutanga ikori rya Kayisari, kandi yigira Kristo, umwami.”


Ivyagezwe vyatanzwe biciye kuri Mose, ariko ubuntu n’ukuri twabihawe biciye muri Yesu Kristo.


Ariko turazi iyo uwu mugabo ava; Kristo ni yaza, nta muntu n’umwe azomenya iyo aje ava.”


Yesu akiriko arigisha mu rusengero arasemerera ati: “Ni vyo muranzi, kandi murazi aho mva. Yamara sinaje mu bushobozi bwanje. Uwantumye ni umunyakuri, kandi ntimumuzi.


Yesu arabishura ati: “Naho nishingiye intahe, intahe yanje ni iy’ukuri, kuko ndazi iyo naje mva n’iyo ndiko ndaja. Ariko mwebwe ntimuzi iyo naje mva n’iyo ndiko ndaja.


Bamwe mu Bafarisayo baravuga bati: “Uwu muntu yakoze ibi ntava ku Mana, kuko ntiyubahiriza umusi w’Isabato.” Ariko abandi barabaza bati: “None umunyavyaha yoshobora gukora ibitangaza nk’ibi?” Maze ivyo bituma bacanamwo.


Basubira gutumako wa muntu yahora ari impumyi ubugira kabiri, baramubwira bati: “Ubaha Imana, utubwire ukuri, kuko turazi ko urya muntu yagukijije ari umunyavyaha.”


Wa muntu yahoze ari impumyi arabishura ati: “Ivyo biratangaje cane! Ntimuzi iyo yaje ava, kandi yampumuye?


Gushika kuri ayo majambo, abantu bari bakiriko baramwumviriza. Maze baca batangura gushira urwamo hejuru bati: “Mukure kw’isi! Uwo ntakwiye kubaho!”


Ariko Imana yagumye indinda gushika uwu musi. None mpagaze ngaha nshingira intahe abakuru n’abato. Nta co ndiko ndavuga kirengeye ivyo abavugishwa n’Imana na Mose bavuze ko bizoshika,


Uwu ni Mose nyene bari baranse igihe bavuga bati: ‘Ni nde yakugize umutware n’umucamanza wacu?’ Imana ubwayo ni yo yamwirungikiye ngo abe umutware n’umucunguzi wabo, biciye ku mumarayika yamwiyeretse ari mu gisaka caka umuriro.


Kera Imana yavuganye na ba sogokuruza kenshi kandi mu buryo bwinshi iciye ku bavugishwa na yo.


Ariko muri iyi misi y’iherezo, yavuganye natwe iciye ku Mwana wayo. Uwo ni we Imana yagize samuragwa w’ibintu vyose, kandi ivyaremwe vyose yabiremye iciye muri we.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ