Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yohana 8:54 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

54 Yesu arabishura ati: “Nimba niha icubahiro, icubahiro canje nta co kimaze. Data, uwo muvuga ko ari Imana yanyu, ni we ampa icubahiro.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

54 Yesu arabishura, ati Ni naba niha icubahiro, icubahiro canje kizoba ar’ ic’ ubusa: ūmpa icubahiro ni Data, uwo muvuga ngo n’Imana yanyu,

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yohana 8:54
28 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Yesu ahejeje kuvuga ayo amajambo, arangamiza mw’ijuru asenga ati: “Data, igihe kirashitse. Nuheshe Umwana wawe icubahiro, kugira ngo na we aguheshe icubahiro.


None Data numpe ca cubahiro nari mfise ndi kumwe nawe imbere y’uko isi ibaho.


Iki ni co gitangaza ca mbere Yesu yakoze, akaba yagikoreye i Kana mu ntara ya Galilaya. Uko ni ko Yesu yerekanye icubahiro ciwe, maze abigishwa biwe baramwizera.


Uwuvuga amajambo yiwe ubwiwe, aba arondera icubahiro ciwe, ariko uwurondera icubahiro c’uwamutumye avuga ukuri, nta binyoma biri muri we.


Aho Yesu yashaka kuvuga kuri Mpwemu Yera, uwo abamwizera bari bagiye guhabwa. Gushika ico gihe Mpwemu Yera ntiyari bwatangwe, kuko Yesu atari bwashike mu bwiza bwiwe.


Mwebwe mukora nk’ivyo so akora.” Na bo baramwishura bati: “Twebwe ntituri abana b’ibivyarwa. Imana ubwayo ni yo Data.”


Jewe sinironderera icubahiro; ariko hariho uwukindonderera kandi ni we mucamanza.


Imana ya Aburahamu, ya Isaka n’iya Yakobo, Imana ya ba sogokuruza, ni yo ishimagije umusavyi wayo Yesu, uwo mwatanze ngo yicwe, mukamwihakana imbere ya Pilato, naho we yari yahisemwo kumurekura.


kuko uwirata atari we yemerwa, ariko hemerwa uwushimwe n’Umwami.


Imana yabahishuriye ko ivyo bavugishwa bitari biberekeye, ahubwo ko vyari vyerekeye mwebwe. Ubwo butumwa namwe mwarabubwiwe n’ababuvuga basunitswe na Mpwemu Yera yarungitswe avuye mw’ijuru. Ivyo ni igitangaza kuko n’abamarayika baripfuza kubibona bishika.


Biciye muri Kristo, mwahawe kwizera Imana. Kandi ukwizera kwanyu n’ivyizigiro vyanyu mwabishize mu Mana kuko yamuzuye imukuye mu bapfuye, ikamuha ubwiza.


Yahawe na Data Imana, icubahiro n’ubwiza, igihe ijwi rivuye mu bwiza burengeje ryavuga riti: “Uwu ni Umwana wanje, nkunda cane kandi ampimbara.”


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ