Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yohana 8:49 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

49 Yesu arabishura ati: “Jewe simboshwe n’umudayimoni; nubaha Data ariko mwebwe ntimunyubaha.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

49 Yesu arabishura, ati Jewe sindimwo dayimoni, ariko nubaha Data, namwe ntimunyubaha.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yohana 8:49
16 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Yesu avyumvise, aravuga ati: “Ingwara ya Lazaro si iyo kumwica. Ahubwo ni iyo kwerekana icubahiro c’Imana, kugira ngo Umwana w’Imana ahabwe icubahiro biciye muri yo.”


Data, hesha izina ryawe icubahiro.” Nuko ijwi ryumvikana rivuye mw’ijuru riti: “Nararihesheje icubahiro, kandi nzosubira ndariheshe icubahiro.”


Ico muzosaba cose mw’izina ryanje nzogikora, kugira ngo Data ahabwe icubahiro biciye mu Mwana.


Naguhesheje icubahiro hano kw’isi mu kurangiza igikorwa wampaye.


Abantu benshi baravuga bati: “Wewe uboshwe na dayimoni. Ni nde ashaka kukwica?”


Kandi uwantumye ari kumwe nanje; ntiyandetse jenyene, kuko nama nkora ibimunezereza.”


Izo ntumwa zica ziva imbere y’Inama Nkuru y’abarongoye ubwo bwoko zinezerewe, kuko Imana yari yabonye ko bibabereye kubabazwa bahorwa izina rya Kristo.


Mbega mu vyo kamere y’ibintu itwigisha, si ibiterasoni ko umugabo atereka umushatsi,


Imibiri yacu ihambwa ata co imaze, ariko izozurirwa ubwiza butangaje. Ihambwa ari iminyantegenke ariko izozurirwa kuba iminyenkomezi.


Abamututse ntiyabihora, canke ngo ahige kwihora abamuteje imibabaro. Ivyo yabirekeye Imana yoyo ica imanza ziroranye.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ