45 Ni co gituma iyo ndababwiye ukuri, ntimushobora kunyizera.
45 Ariko jeho, kuko mvuga ivy’ ukuri, ntimunyemera.
Pilato aramubwira ati: “Urumva rero uri Umwami!” Yesu aramwishura ati: “Uvuze ukuri, ndi Umwami. Icatumye mvuka nkaza kw’isi kwari ukugira ngo nshingire intahe ukuri. Umuntu wese akunda ukuri aranyumviriza.”
Isi ntishobora kubanka, ariko jewe iranyanka kuko ndayagiriza ibikorwa bibi.
Hari n’umwe muri mwebwe ashobora kunyagiriza icaha? None nimba ndababwira ukuri, ni kuki mutanyizera?
Mbega none ubu nahindutse umwansi wanyu kubera ndababwira ukuri?
Azokoresha uruhendo rw’uburyo bwose kugira ashobore kuzimiza abaja mu mahonero, kuko banse gukunda no kwemera ukuri ari kwo kwari kubakiza.