Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yohana 8:42 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

42 Yesu arababwira ati: “Iyo Imana ija kuba ari yo So, mwari kunkunda, kuko naje hano ntumwe na yo. Sinaje nirungitse, ni Imana yantumye.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

42 Yesu arababgira, at’ Iy’ Imana iba ari So, muba munkunda, kuko jewe naje mvuye ku Mana; sinaje nitumye, ariko ni yo yantumye.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yohana 8:42
22 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Jambo yahindutse umuntu abana natwe, yuzuye ubuntu n’ukuri. Natwe twariboneye ubwiza bwiwe; ni ubwiza bw’Umwana w’ikinege akura kuri Se.


Sinavuze ivyo nigeneye. Data yantumye ni we yantegetse kuvuga amajambo yose navuze.


Yesu yari azi ko Se yamuhaye ububasha ku bintu vyose. Yari azi ko yaje ava ku Mana kandi ko yagira asubireyo.


Mbega ntiwizera ko ndi muri Data, Data na we akaba muri jewe? Amajambo ndababwira si ayo nigenera, ahubwo Data ambamwo ni we akorera muri jewe igikorwa ciwe.


Turatahuye ko uzi vyose, kandi ko bidakenewe ko umuntu akubaza ibibazo. Ivyo bitumye twizera ko waje uva ku Mana.”


Data ugororotse, naho isi itakuzi, jewe ndakuzi, kandi aba barazi ko ari wewe wantumye.


kuko nabahaye amajambo wampaye kandi barayakira. Bamenye badakekeranya ko naje mva iwawe kandi bizeye ko ari wewe wantumye.


Erega Imana ntiyatumye Umwana wayo kw’isi gucira urubanza abari kw’isi, ahubwo yamutumye kugira ngo ibakize biciye muri we.


kugira ngo bose bubahe Umwana nk’uko bubaha Se. Uwutubaha Umwana, ntiyubaha na Se yamutumye.


Naje mw’izina rya Data, ariko ntimwanyakira; yamara nihagira uwundi aza mw’izina ryiwe ubwiwe, muzomwakira.


Yesu arabishura ati: “Naho nishingiye intahe, intahe yanje ni iy’ukuri, kuko ndazi iyo naje mva n’iyo ndiko ndaja. Ariko mwebwe ntimuzi iyo naje mva n’iyo ndiko ndaja.


Nimba hariho uwudakunda Umwami, uwo aravumwe. Kaze Mwami!


Maze igihe gikwiye kigeze, Imana irungika Umwana wayo, avyagwa n’umugore, avukira mu vyagezwe,


Vyongeye, twariboneye kandi turashinga intahe ko Data yarungitse Umwana wiwe kugira ngo abe Umukiza w’isi.


Turazi kandi ko Umwana w’Imana yaje akaduha ugutahura, kugira ngo tumenye Imana nyakuri. Ubu turi mu Mana nyakuri kuko turi mu Mwana wayo, Yesu Kristo. Ni we Mana nyakuri kandi ni we bugingo budashira.


Maze wa mumarayika aca anyereka rwa ruzi rw’amazi y’ubugingo, rubonerana nk’ikiyo, rutemba ruva ku ntebe y’inganji y’Imana n’iy’Umwagazi w’Intama,


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ