Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yohana 8:25 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

25 Baramubaza bati: “None uri nde?” Yesu arabishura ati: “Ndi urya namye ndababwira ko ndi kuva mu ntango.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

25 Nuko baramubaza, bat’ Uri nde, wewe? Yesu arabishura, ati Nd’ ico nababgiye uhereye ubga mbere.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yohana 8:25
9 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Baramubaza bati: “Tubwire! Uri Kristo?” Yesu arabishura ati: “Naho nobibabwira ntimwovyemera,


Iyi ni yo ntahe Yohana yashinze igihe abakuru b’Abayuda b’i Yerusalemu bamutumako abaherezi n’Abalewi ngo bamubaze uwo ari we.


Ubwa nyuma, baravuga bati: “None uri nde? Tubwire ico tuja kwishura abadutumye. Wewe uvuga ko uri nde?”


Abayuda bari aho baramukikuza, bamubaza bati: “Uzodutomorera ryari? Nimba uri Kristo, bitubwire neza.”


Aca asubiza Yesu mu kirimba, aramubaza ati: “Uri uwa he?” Ariko Yesu ntiyagira ico amwishura.


Nuko Yesu abandanya yigisha ba bantu, ababwira ati: “Jewe ndi umuco w’isi. Uwunkurikira ntazogendera mu mwijima, ahubwo azoronka umuco w’ubugingo.”


Ni co gituma nababwiye ko muzopfira mu vyaha vyanyu; kuko nimutizera ko ndi uwo nababwiye ko ndi, muzopfira mu vyaha vyanyu.”


Mfise vyinshi nobavugako kandi mfise vyinshi vyobatsindisha. Ariko mbwira ab’isi ivyo numvise uwantumye avuga gusa, kandi avuga ukuri.”


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ