Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yohana 8:19 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

19 Na bo baramubaza bati: “Mbega So ari he?” Yesu arabishura ati: “Ntimunzi kandi na Data ntimumuzi. Kuko iyo mumenya uwo ndi we, na Data mwari kumumenya.”

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

19 Na bo baramubaza, bati So ari hehe? Yesu arabishura, ati Nta jewe, nta Data, nta we muzi; iyo muba munzi, na Data muba mumuzi.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yohana 8:19
24 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Uwo mwanya Yesu aravuga ati: “Ndagushima Data, Mwami w’ijuru n’isi, kuko ivyo wabihishije abigira abanyabwenge n’abahinga, ukabihishurira abameze nk’abana bato.


Jambo yari mw’isi kandi isi yaremwe na we, ariko ab’isi ntibamumenye.


Nta muntu n’umwe yigeze abona Imana. Ariko Umwana w’ikinege, na we ubwiwe asanzwe ari Imana, akaba ari mu gikiriza ca Se, ni we yayiduhishuriye.


Ivyo bazobibakorera kubera jewe, kuko batazi uwantumye.


Ivyo bazobikora kuko batamenye Data nanje ntibamenye.


Ubu ni bwo bugingo budashira: ko bakumenya wewe, Imana y’ukuri yonyene, na Yesu Kristo, uwo watumye.


Yesu akiriko arigisha mu rusengero arasemerera ati: “Ni vyo muranzi, kandi murazi aho mva. Yamara sinaje mu bushobozi bwanje. Uwantumye ni umunyakuri, kandi ntimumuzi.


Garura ubwenge nk’uko bibereye, mureke kwama mukora ivyaha. Ibi ndabivuze kugira ngo ndabatere kugira isoni, kuko bamwe muri mwebwe bataramenya Imana na gato.


Ariko ubu ko mwamenye Imana, na canecane ko mwamenywe na yo, ni kuki mwasubiye muri ivyo bintu vy’intege nke vy’urufatiro kandi ata co bimaze. Mugomba gusubira kwongera kuba abaja b’iyo migenzo ukundi?


Nsaba Imana yo nyene icubahiro cose, Se w’Umwami wacu Yesu Kristo, Data w’ubwiza buhebuje, ngo abahe Mpwemu w’ubwenge no guhishurirwa, kugira ngo murushirize kumumenya.


kugira ngo mubeho nk’uko bibereye ab’Umwami Yesu, mwongere mumunezereze muri vyose: mwama ivyamwa mu gikorwa ciza cose kandi mukura mu vyo kumenya Imana.


Kristo ni we shusho iboneka y’Imana itaboneka, imfura irengeye ivyaremwe vyose,


Uwo Mwana yerekana ugukayangana kw’ubwiza bw’Imana kandi ni we shusho nyayo iboneka y’ubumana bwayo. Vyongeye ni we ashigikije vyose ijambo ryiwe ry’inkomezi. Ahejeje gushiraho uburyo bwo kwoza ivyaha vyacu, yaciye yicara mu kibanza c’iteka i buryo bw’Imana y’icubahiro mw’ijuru.


Umuntu wese ahakana Umwana, ntaba afise na Data; ariko uwemera Umwana aba afise na Data.


Turazi kandi ko Umwana w’Imana yaje akaduha ugutahura, kugira ngo tumenye Imana nyakuri. Ubu turi mu Mana nyakuri kuko turi mu Mwana wayo, Yesu Kristo. Ni we Mana nyakuri kandi ni we bugingo budashira.


Umuntu wese azimira akava mu nyigisho za Kristo nta bucuti afitaniye n’Imana. Ariko umuntu wese aguma mu nyigisho za Kristo afitaniye ubucuti na Data n’Umwana.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ