43 Maze bituma abantu batumvikana kubera Yesu.
43 Ishengero riramupfa,
kuko naje gutuma ‘umuhungu agwanya se, umukobwa agwanya nyina, umukazana agwanya inabukwe.
Mbega mwiyumvira ko naje kuzana amahoro kw’isi? Haba na mba! Ahubwo naje gutuma abantu bacanamwo.
Abayuda bumvise ayo majambo, baca basubira gucanamwo.
Muri iryo sinzi ry’abantu bari aho, hari urusaku rwinshi bavugana ku vya Yesu. Bamwe bavuga bati: “Ni umuntu mwiza.” Abandi bakavuga bati: “Oya, ni umuntu azimiza abantu.”
Bamwe mu Bafarisayo baravuga bati: “Uwu muntu yakoze ibi ntava ku Mana, kuko ntiyubahiriza umusi w’Isabato.” Ariko abandi barabaza bati: “None umunyavyaha yoshobora gukora ibitangaza nk’ibi?” Maze ivyo bituma bacanamwo.
Maze abantu bo muri ico gisagara bicamwo imigwi, bamwe begamira Abayuda, abandi begamira intumwa.