Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yohana 7:4 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

4 Nta muntu arondera kumenyekana hanyuma ngo akore yinyegeje. Ko uriko urakora ibikorwa nk’ibi, niwiyereke isi!”

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

4 kukw ata wogira ico akora mu mpisho, na we ngw arondere kumenyekana. K’ukora ivyo, ni wiserure mu b’isi.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yohana 7:4
12 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ivyo bakora vyose, babikora kugira ngo biyerekane. Bambara udusaho turimwo imirongo y’Ivyagezwe mu ruhanga no ku maboko kandi n’imisozo yo ku mpuzu zabo bakayigira miremire gusumvya abandi.


amubwira ati: “Niwaba uri Umwana w’Imana, niwikororere hasi, kuko handitswe ngo: ‘Azotegeka abamarayika biwe bakuzigame. Bazokurerura mu maboko yabo kugira ngo ntutsitare kw’ibuye.’”


Iyo mwisonzesheje, ntimwerekane ko mubabaye nk’uko za ndyarya zibigira: kuko baca bijirirwa mu maso kugira ngo abababona bose babashimire ukwisonzesha kwabo. Ndababwire ukuri: iyo ni yo mpera yonyene bazoronka.


Kandi, iyo musenga, ntimumere nka za ndyarya kuko zikunda gusenga zihagaze mu masinagogi no mu mayirabiri, kugira ngo abantu bose bababone. Ndababwire ukuri, abo baramaze guhabwa impera zabo zose.


Umuntu mwiza akura ivyiza mu bubiko bwiza bw’umutima wiwe, umubi na we agakura ibibi mu bubiko bubi bw’umutima wiwe. Kuko ivyuzuye mu mutima ni vyo akanwa kavuga.


Yesu aramubwira ati: “Imisi yose navuganye n’abantu bose ku mugaragaro. Nigishirije mu masinagogi no mu rusengero, aho abantu bakoranira. Nta kintu na kimwe navuze ninyegeje.


Nuko bene nyina ba Yesu baramubwira bati: “Va mu ntara ya Galilaya uje mu ntara ya Yudaya kugira ngo abigishwa bawe babayo babone ibikorwa ukora.


Mu bisanzwe, na bene nyina na bo ntibamwizera.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ