29 Ariko jewe ndamuzi kuko mva iwe kandi ni we yantumye.”
29 jeho ndamuzi, kuko navuye kuri we, kand’ ari we yantumye.
Data yaranyizigiye anzeza vyose. Nta n’umwe azi Umwana atari Data, kandi nta n’umwe azi Data atari Umwana, n’uwo Umwana ahisemwo kumuhishurira.
Nta muntu n’umwe yigeze abona Imana. Ariko Umwana w’ikinege, na we ubwiwe asanzwe ari Imana, akaba ari mu gikiriza ca Se, ni we yayiduhishuriye.
nk’uko Data anzi nanje nkamumenya. Ni co gituma ntanga ubugingo bwanje ku bwazo.
Yesu yari azi ko Se yamuhaye ububasha ku bintu vyose. Yari azi ko yaje ava ku Mana kandi ko yagira asubireyo.
Nk’uko wantumye mw’isi, nanje ndabatumye mw’isi.
Ivyo ntibisigura ko hari umuntu amaze kubona Data; uwatumwe avuye ku Mana wenyene ni we amaze kubona Data.
Naho mutamuzi, jewe ndamuzi. Iyo mvuga ko ntamuzi, nari kuba mbaye umubeshi nkamwe, ariko ndamuzi kandi ndumvira ijambo ryiwe.
Ubwo bugingo bwaraserutse turabubona kandi turabushingira intahe. Tubabwira ubugingo budashira bwamanye na Data hanyuma tukabuhishurirwa.
Vyongeye, twariboneye kandi turashinga intahe ko Data yarungitse Umwana wiwe kugira ngo abe Umukiza w’isi.
Uku ni ko Imana yatweretse urukundo rwinshi idukunda: yatumye umwana wayo w’ikinege mw’isi kugira ngo tugire ubugingo budashira ku bwiwe.