Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yohana 7:14 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

14 Umusi ugeze hagati, Yesu yinjira mu rusengero atangura kwigisha.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

14 Ya misi mikuru igeze hagati, Yesu adūga mu rusengero, arigisha.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yohana 7:14
16 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Maze Yesu yinjira mu rusengero, yirukana abadandaza n’abariko baragura bose. Ahenagura imeza z’abavunja amahera hamwe n’intebe z’abadandaza inuma.


Hanyuma Yesu abwira ba bantu benshi baje kumufata ati: “Mbega mbaye umugumutsi, aho muza kumfata mwitwaje inkota n’amahiri? Ni kuki mutamfatiye mu rusengero kandi ari ho nama imisi yose nigisha?


Imisi yose Yesu yama yigishiriza mu rusengero. Ariko abakuru b’abaherezi, abigisha b’ivyagezwe n’abatware b’Abayuda baho bose bagumye barondera ukuntu bomwica.


Yesu aramubwira ati: “Imisi yose navuganye n’abantu bose ku mugaragaro. Nigishirije mu masinagogi no mu rusengero, aho abantu bakoranira. Nta kintu na kimwe navuze ninyegeje.


Mu nyuma, Yesu amusanga mu rusengero aramubwira ati: “Urabona ko wakize! Ntuze usubire gucumura kugira ngo ntuze ushikirwe n’icago kirengeye ico wahorana.”


Ico gihe, umusi mukuru w’insago Abayuda bahimbaza wari wegereje.


Yesu akiriko arigisha mu rusengero arasemerera ati: “Ni vyo muranzi, kandi murazi aho mva. Yamara sinaje mu bushobozi bwanje. Uwantumye ni umunyakuri, kandi ntimumuzi.


Ku musi wa nyuma w’iyo misi mikuru, ari wo uruta iyindi, Yesu arahaguruka avuga n’ijwi rirenga ati: “Uwunyotewe wese naze aho ndi anywe.


Kare mu gitondo c’umusi ukurikira asubira mu rusengero, maze abantu bakoranira aho ari, na we aricara arabigisha.


Yesu yavuze ayo majambo ariko yigishiriza mu rusengero, ahagaze hafi y’ico batorezamwo amashikanwa. Ariko nta n’umwe yamufashe kuko igihe ciwe kitari bwashike.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ