Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yohana 7:13 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

13 Ariko nta n’umwe yubahuka kuvuga ivyiwe ku mugaragaro kuko batinya Abayuda.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

13 Ariko nta n’umwe yamuvuze atobora, kuko batinya Abayuda.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yohana 7:13
13 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Inyuma y’ivyo, Yosefu w’i Arimataya asaba Pilato uruhusha rwo kumanura ikiziga ca Yesu. Uwo Yosefu yari umwigishwa wa Yesu, ariko mu kinyegero, kuko yatinya abakuru b’Abayuda. Pilato amwemereye, Yosefu araza ajana ikiziga ca Yesu.


Ku mugoroba w’uwo musi, ari wo musi wa mbere w’indwi, abigishwa bari bakoraniye hamwe biyugaranye kuko batinya abakuru b’Abayuda. Maze Yesu araza ahagarara hagati yabo, arababwira ati: “Amahoro abane namwe!”


Umusi umwe aza kuraba Yesu mw’ijoro aramubwira ati: “Rabi, turazi ko uri umwigisha yavuye ku Mana, kuko nta muntu yoshobora gukora ibitangaza ukora, Imana itari kumwe na we.”


Inyuma y’ivyo, Yesu agendagenda mu ntara ya Galilaya. Ntiyashaka kugenda mu ntara ya Yudaya kuko abakuru b’Abayuda baho bariko barondera ingene bomwica.


Kuri uwo musi mukuru, abakuru b’Abayuda bariko bararondera Yesu, babaza bati: “Ari he?”


Abayuda bamwumvise baratangara, barabaza bati: “Uwo mugabo azi vyinshi cane kandi atize. Ivyo bishoboka gute?”


Abavyeyi biwe bishuye uko kuko batinya abakuru b’Abayuda. Abo bakuru bari bafashe ingingo ko umuntu wese azovuga ko Yesu ari Kristo azokwirukanwa mu rusengero.


Baramwishura bati: “Wewe wavukiye mu vyaha wongera ubikuriramwo, none uriko uratwigisha!” Nuko baca baramwirukana mu rusengero.


Ndazi ko uba mu gisagara Satani afisemwo intebe y’inganji, ariko wumiye kw’izina ryanje. Ntiwamvuyeko no mu gihe ca Antipa, icabona canje c’ukwizigirwa, uwagandaguriwe muri mwebwe, mu gisagara ca Satani.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ