Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yohana 6:9 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

9 “Hano hariho umuhungu afise imikate y’ingano itanu n’ifi zibiri. Ariko vyomara iki ku bantu bangana uku?”

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

9 ati Hano har’ umuhungu ari n’udutsima dutanu twa sayiri, n’udufi tubiri, ariko tumaze iki mu bantu bangaho?

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yohana 6:9
24 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Baramwishura bati: “Aha dufise imikate itanu n’ifi zibiri gusa.”


Mbega n’ubu ntimuratahura? Ntimwibuka ya mikate itanu yagaburiwe abantu ibihumbi bitanu, na vya biseke mwegeranya.


Yesu arababaza ati: “Mufise imikate ingahe? Genda murabe.” Bagarutse bamubwira bati: “Dufise imikate itanu n’ifi zibiri.”


Hamwe namanyagura ya mikate itanu nkagaburira abantu ibihumbi bitanu, mwegeranije ibiseke bingahe vyuzuye utumanyu basigaje?” Baramwishura bati: “Cumi na bibiri.”


Arabishura ati: “Nimubagaburire mwebwe nyene.” Na bo baramubwira bati: “Erega dufise imikate itanu n’ifi zibiri gusa. None ushaka ko tuja gusuma ibikwiye isinzi ry’abantu nk’iri.”


Maze Marita abwira Yesu ati: “Mwami, iyo uja kuba hano, musazanje ntaba yarapfuye.


Nuko Mariya ashika aho Yesu ari aramubona, aca apfukama imbere yiwe, amubwira ati: “Mwami, iyo uja kuba hano, musazanje ntaba yarapfuye.”


Yesu arababwira ati: “Nimuzane zimwe muri izo muhejeje kuroba.”


Nuko Yesu arabegera, abagaburira wa mukate, abaha n’ifi.


Bururutse ubwato babona umuriro w’amakara wokejeko ifi, babona n’imikate.


Yesu afata ya mikate, ayishimira Imana, ayiha abari bicaye aho. Na za fi azigenza uko. Abantu bararya barikura.


Filipo aramwishura ati: “Naho tworonka idenariyo amajana abiri, ntitwokuramwo ivyokurya bikwiye n’umutamiro w’umwe umwe.”


Kuko muzi ubuntu bw’Umwami wacu Yesu Kristo, ko n’aho yari umutunzi wa vyose, yigize umukene ku bwanyu kugira ngo mu bukene bwiwe mube abatunzi.


Nca numva kimwe muri vya binyabugingo kivuze kiti: “Ikiro kimwe c’ingano kizogurwa impembo y’umusi wose, ibiro bitatu vya sayiri bizogurwa impembo y’umusi wose. Ariko ntihagire ico mugira amavuta n’umuvinyu.”


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ