Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yohana 6:64 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

64 Ariko bamwe muri mwebwe ntibizera.” Kuko kuva mu ntago, Yesu yari azi abatizera n’uwuzomugurisha.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

64 Ariko muri mwebge hariho bamwe batizera. Kuko Yesu yahereye ubga mbere azi abatizera ab’ ari bo, n’ūzomugura uw’ ari we.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yohana 6:64
20 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Simoni Umuzelote, na Yuda Isikariyote umwe yamugurisha.


ariko ntimwizera kuko mutari abo mu ntama zanje.


Maze, kuko Yesu yari azi ibigiye kumushikira, arabegera arababaza ati: “Murondera nde?”


kuko ndabazi, ndazi ko ata gukunda Imana kuri mu mitima yanyu.


Ariko nk’uko nabibabwiye, muramaze kumbona yamara ntimurizera.


Benshi bo mu bigishwa biwe bavyumvise baravuga bati: “Izi nyigisho ziragumye. Ni nde yozemera?”


Yesu amenye ko abigishwa biwe bariko baridoga, arababaza ati: “Mbega ivyo ndababwiye birabatsitaje?


Kuva ico gihe benshi mu bigishwa biwe baca baragenda ntibasubira kumukurikira.


Yesu arabandanya ati: “Mwebwe muri abo kuri iyi si, ariko jewe nkomoka hejuru. Muri ab’ino si, ariko jewe sindi uw’ino si.


Naho mutamuzi, jewe ndamuzi. Iyo mvuga ko ntamuzi, nari kuba mbaye umubeshi nkamwe, ariko ndamuzi kandi ndumvira ijambo ryiwe.


Kuko Imana yabamenye kera, ibatoraniriza gusa n’Umwana wayo imbere y’igihe, kugira ngo abe imfura muri bene Se benshi.


Ariko, imfatiro zikomeye zashizweho n’Imana zirashimangiye. Zanditsweko aya majambo ngo: “Uhoraho arazi abiwe”; kandi ngo: “Abatura izina ry’Uhoraho bose bave mu kugabitanya.”


Nta kintu na kimwe mu vyaremwe kinyegejwe imbere y’Imana. Imbere yayo vyose vyambaye ubusa kandi biragaragara. Kandi twese izotubaza ivyo twakoze vyose.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ