59 Yesu yavuze ivyo ariko arigishiriza mw’isinagogi i Kaperinawumu.
59 Ivyo yabivugiye mw isinagogi yigisha i Kaperinawumu.
Ico gihe Yesu agendagenda mu ntara yose ya Galilaya yigishiriza mu masinagogi yaho, avuga Ubutumwa Bwiza bw’Ubwami, akiza abantu ingwara zose n’ubumuga bwose.
Nuko Yesu aca aja i Kaperinawumu mu gisagara c’i Galilaya. Ku musi w’Isabato aja kwigisha mw’isinagogi,
Yesu aramubwira ati: “Imisi yose navuganye n’abantu bose ku mugaragaro. Nigishirije mu masinagogi no mu rusengero, aho abantu bakoranira. Nta kintu na kimwe navuze ninyegeje.
Kubera bwari bwije kandi Yesu atari bwagaruke aho bari bari, burira ubwato kugira ngo bajabuke ikiyaga baje i Kaperinawumu.
Abantu bamaze kubona ko Yesu n’abigishwa biwe atari ho bari, baca binjira muri ubwo bwato baja i Kaperinawumu kumuronderayo.