Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yohana 6:46 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

46 Ivyo ntibisigura ko hari umuntu amaze kubona Data; uwatumwe avuye ku Mana wenyene ni we amaze kubona Data.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

46 S’ukugira ngo har’ uwabonye Data, atar’ uwavuye ku Mana: uwo ni we yabonye Data.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yohana 6:46
14 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Data yaranyizigiye anzeza vyose. Nta n’umwe azi Umwana atari Data, kandi nta n’umwe azi Data atari Umwana, n’uwo Umwana ahisemwo kumuhishurira.


Data yaranyizigiye anzeza vyose. Nta n’umwe azi Umwana atari Data, kandi nta n’umwe azi Data atari Umwana, n’uwo Umwana ahisemwo kumuhishurira.”


Nta muntu n’umwe yigeze abona Imana. Ariko Umwana w’ikinege, na we ubwiwe asanzwe ari Imana, akaba ari mu gikiriza ca Se, ni we yayiduhishuriye.


Iyo muja kuba munzi vy’ukuri, mwari kuba muzi na Data. Noneho kuva ubu muramuzi kandi mwaramubonye.”


Iyo ntakorera hagati muri bo ibitangaza ata muntu n’umwe yigeze akora, ntibokwagirijwe icaha. Ariko barabonye ivyo nakoze vyose, yamara baranyanse, banka na Data.


Kandi na Data yantumye ubwiwe aranshingira intahe. Ntimurigera mwumva ijwi ryiwe canke ngo mumubone amaso mu yandi,


Ariko jewe ndamuzi kuko mva iwe kandi ni we yantumye.”


Na bo baramubaza bati: “Mbega So ari he?” Yesu arabishura ati: “Ntimunzi kandi na Data ntimumuzi. Kuko iyo mumenya uwo ndi we, na Data mwari kumumenya.”


Naho mutamuzi, jewe ndamuzi. Iyo mvuga ko ntamuzi, nari kuba mbaye umubeshi nkamwe, ariko ndamuzi kandi ndumvira ijambo ryiwe.


Kristo ni we shusho iboneka y’Imana itaboneka, imfura irengeye ivyaremwe vyose,


Niyo yonyene ifise ukudapfa, kandi iba mu muco ata muntu yoshobora kwegera, iyo ata muntu arabona kandi ata wushobora kuyibona. Icubahiro n’ububasha bibe ivyayo ibihe bidashira. Amen.


Nta muntu n’umwe arabona Imana; ariko iyo dukundana, Imana iba muri twebwe kandi urukundo rwayo rwiyerekanira muri twebwe mu buryo busagutse.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ