36 Ariko nk’uko nabibabwiye, muramaze kumbona yamara ntimurizera.
36 Ariko narababgiye yuko mwāmbonye, muraheza ntimwizera.
Ariko Aburahamu aramwishura ati: ‘Batumviye Mose n’abavugishwa n’Imana, nta wundi bokwumvira, n’aho yoba azutse mu bapfuye.’ ”
Naho Yesu yakoreye ibitangaza vyinshi imbere y’abantu, benshi ntibamwizeye.
Iyo ntakorera hagati muri bo ibitangaza ata muntu n’umwe yigeze akora, ntibokwagirijwe icaha. Ariko barabonye ivyo nakoze vyose, yamara baranyanse, banka na Data.
Yesu arabishura ati: “Ndababwire ukuri, ntimuriko mundondera kubera mwatahuye ibitangaza mwabonye nkora, ahubwo mundondera kuko nabagaburiye imikate mugahaga.
Baramubwira bati: “Mbega nta gitangaza wokora kugira ngo tukibone hanyuma twizere? Ni ikihe wokora?
Ariko abo Data yampaye bose, bazoza aho ndi kandi sinzokwigera ndabirukana.
Kuko ico Data ashaka ni uko uwubonye Umwana akamwizera agira ubugingo budashira, kandi nanje nzomuzura ku musi wa nyuma.”
Ariko bamwe muri mwebwe ntibizera.” Kuko kuva mu ntago, Yesu yari azi abatizera n’uwuzomugurisha.