Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yohana 6:32 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

32 Yesu arababwira ati: “Ndababwire ukuri, Mose si we yabahaye imikate ivuye mw’ijuru, ariko Data ni we yayibahaye, kandi ni we abaha umukate w’ukuri uvuye mw’ijuru.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

32 Yesu arababgira, ati N’ukuri, n’ukuri ndababgire: Si Mose yabahaye umutsima uvuye mw ijuru; Data ni we abaha umutsima w’ukuri uvuye mw ijuru.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yohana 6:32
14 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Umuco w’ukuri wakira umuntu wese wariko uraza mw’isi.


Jewe ndi umuzabibu w’ukuri, Data na we ni we awitaho.


Ba sogokuruza bacu baririye manu mu bugaragwa. Ivyanditswe bivuga biti: ‘Mose yabahaye imikate ivuye mw’ijuru ngo bayirye.’”


Kuko umukate w’Imana ni uwumanuka uvuye mw’ijuru ugaha isi ubugingo.”


Yesu arabishura ati: “Ni jewe mukate w’ubugingo. Uwuza aho ndi ntazosubira gusonza, kandi uwunyizera ntazosubira kunyoterwa.


Maze Abayuda batangura kumwidogera kuko avuze ati: “Ni jewe mukate wamanutse uva mw’ijuru.”


Ariko hano hari umukate uva mw’ijuru, kandi uwuwurya ntazopfa.


Kuko umubiri wanje ni ico kurya c’ukuri n’amaraso yanje ni ico kunywa c’ukuri.


Uwu ni wo mukate wamanutse uva mw’ijuru; ntusa na ya manu ba sogokuruza banyu baririye mu bugaragwa ariko bagapfa. Uwurya uwu mukate azobaho ibihe bidashira.”


Maze igihe gikwiye kigeze, Imana irungika Umwana wayo, avyagwa n’umugore, avukira mu vyagezwe,


Turazi kandi ko Umwana w’Imana yaje akaduha ugutahura, kugira ngo tumenye Imana nyakuri. Ubu turi mu Mana nyakuri kuko turi mu Mwana wayo, Yesu Kristo. Ni we Mana nyakuri kandi ni we bugingo budashira.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ