40 yamara ntimushaka kuza aho ndi ngo muronke ubwo bugingo.
40 ariko mukanka kuza kuri jewe ngo muronke ubugingo.
Igihe co kuzimana abatumire gishitse, atuma abakozi biwe guhamagara abatumiwe, ariko banka kuza.
Yewe Yerusalemu, yewe Yerusalemu! Wewe wica abavugishwa n’Imana, ugatera amabuye abagutumweko! Ni kangahe nagerageje kwegeranya abana bawe nk’uko inkoko yegeranya uduswi twayo mu mababa yayo, ariko ukanyankira!
Yaje mu biwe, ariko abiwe ntibamwakira.
Igisuma ntikizanwa n’ikindi atari ukwiba, ukwica no gutikiza; ariko jewe naje kugira ngo intama zigire ubugingo, kandi zibugire busagutse.
Iki ni co kibatsindisha: umuco waje mw’isi, ariko abantu bakunda umwijima kuruta umuco, kuko ibikorwa vyabo ari bibi.
Mwiga Ivyanditswe n’umwete mwinshi kuko mwibaza ko bishobora kubaha ubugingo budashira. Ivyo Vyanditswe nyene ni vyo binshingira intahe,
Jewe sindondera gushimwa n’abantu,
Mbega mwokwizera gute kandi murondera gushimana hagati yanyu, aho kurondera gushimwa n’Imana imwe rudende?
Ntimugakorere ivyokurya bibora, ahubwo nimukorere ivyokurya bihoraho kandi bitanga ubugingo budashira, ivyo Umwana w’Umuntu azobaha, kuko Imana Data ari we yahaye ububasha bwo gukora ivyo.”
Ariko abo Data yampaye bose, bazoza aho ndi kandi sinzokwigera ndabirukana.
Kuko ico Data ashaka ni uko uwubonye Umwana akamwizera agira ubugingo budashira, kandi nanje nzomuzura ku musi wa nyuma.”
Kuko impembo y’icaha ni urupfu, ariko ingabire Imana itanga ku buntu ni ubugingo budashira duheshwa no kwizera Kristo Yesu, Umwami wacu.
Mpwemu w’Imana n’umugeni baravuga bati: “Kaze.” N’uwumvise aya majambo wese avuge ati: “Kaze.” Uwunyotewe wese naze, kandi uwushaka wese naze anywe ku mazi y’ubugingo ku buntu.