Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yohana 5:25 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

25 Ndababwire ukuri, igihe kiraje kandi kirashitse, aho abapfuye bazokwumva ijwi ry’Umwana w’Imana kandi abazoryumva bazogira ubugingo.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

25 N’ukuri, n’ukuri ndababgire: Igihe kiza, kandi kirashitse, ah’ abapfuye bazokwumvira ijwi ry’Umwana w’Imana, kand’ abazoryumva bazoba bazima.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yohana 5:25
19 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

kuko umwana wanje yari yarapfuye none arazutse, yari yarazimiye none arazimurutse.’ Nuko baca batangura kugira umusi mukuru.


Vyari bikwiye ko tugira umusi mukuru tukanezerwa kuko umuvukanyi wawe yari yarapfuye none arazutse, yari yarazimiye none arazimurutse.’ ”


Yesu aramubwira ati: “Reka abapfuye bahambe abapfuye babo, ariko wewe genda uvuge ivy’Ubwami bw’Imana.”


Buca ari Umusi mukuru wa Pasika, Yesu yari azi ko igihe ciwe co kuva mw’isi ngo asubire kwa Se cashitse. Yari yarakunze abiwe bari mw’isi, kandi yarabakunze gushika ku mwanya wa nyuma.


Yesu ahejeje kuvuga ayo amajambo, arangamiza mw’ijuru asenga ati: “Data, igihe kirashitse. Nuheshe Umwana wawe icubahiro, kugira ngo na we aguheshe icubahiro.


Yesu aramwishura ati: “Mupfasoni, nunyizere: igihe kiraje aho mutazorinda kuja gusengera Data kuri uwu musozi canke i Yerusalemu.


Ariko igihe kiraje kandi kirashitse aho abasenga b’ukuri bazosenga Data mu Mpwemu no mu kuri. Abo ni bo basenzi Data arondera.


Kuko nk’uko Data azura abapfuye akabaha ubugingo, ni ko n’Umwana aha ubugingo uwo ashatse kubuha.


Ibi ntibibatangaze, kuko igihe kiraje aho abari mu mva bose bazokwumva ijwi ryiwe,


Benshi bo mu bigishwa biwe bavyumvise baravuga bati: “Izi nyigisho ziragumye. Ni nde yozemera?”


Ni kuki mudatahura inyigisho zanje? Ni kubera mudashobora no kwumviriza amajambo yanje.


Uwuva ku Mana wese yakira amajambo y’Imana. Mwebwe ntimuyakira kuko mutari ab’Imana.”


Arabishura ati: “Ivyo namaze kubibabwira ariko ntimwashatse kuvyumva. Ni kuki mushaka kuvyumva kandi? Mwoba mushaka kuba abigishwa biwe namwe?”


Ivyo bivuga ko twapfuye hanyuma tugahambanwa na we mu kubatizwa, kugira ngo, nk’uko yazuwe mu bapfuye n’ubushobozi bw’ubwiza bwa Data, abe ari ko natwe tubaho mu bugingo bushasha.


Kera mwari mwarapfuye, mwishwe n’ibicumuro n’ivyaha vyanyu,


yatugiranye bazima na Kristo igihe twari tugipfuye twishwe n’ivyaha vyacu. Ubuntu bw’Imana ni bwo bwabakijije.


Ni co gituma bivugwa ngo: “Ikangure, wewe usinziriye, vyuka uve mu bapfuye, maze Kristo arakumurikira.”


Igihe mwari mugipfuye mwishwe n’ivyaha vyanyu hamwe no kudakebwa kwa kamere kanyu k’icaha, Imana yabahinduye bazima muri Kristo. Yaduhariye ivyaha vyacu vyose,


Wandikire umumarayika w’ishengero ry’i Sarudi uti: Uwufise mu biganza impwemu indwi z’Imana n’inyenyeri indwi aravuga ati: Ndazi ibikorwa vyawe. Abantu benshi bazi ko uri muzima kandi warapfuye.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ